BurundiDon BrigtherhomepageJusticekirundi

Gitega : Itanguzwa icese ry’ishirwa mu ngiro ry’ikigongwe c’umukuru w’igihugu

Mu gihe hari haciye imisi itari abatari bake bibaza aho ikigongwe umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yagiriye bamwe mu bapfungwa kizoshirwa mu ngiro, kuri uno wa gatanu niho kw’ibohero rikuru ry’i Gitega hatanguzwa icese ishirwa mu ngiro ryaco.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 29 Ntwarante umwaka w’2019 niho kw’ibohero rikuru rya Gitega hatanguzwa icese ishirwa mu ngiro ry’ikigongwe c’umukuru w’igihugu ku bapfungwa. Ivyo bikorwa bikaba vyari vyatewe iteka n’umushikiranganjiw’ubutungane n’ugushingura ikimangu, umupfasoni Aimee Laurentine Kanyana ari kumwe n’abanyacubahiro batari bake bakorana mu bushikiranganji bw’ubutungane.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji Kanyana yatekereye impanuro abari barekuwe abahamagarira kuvavanura n’utugeso tubi twohava dusubira kubakwegera mu vyaha yemera n’uko agiye gukora ibishoboka vyose arabe ko hoboneka izindi ngingo zotuma n’abandi banyororo bashobora gutezurirwa.

Mwomenya ko ikigongwe umukuru w’igihugu yatanze ku bapfungwa mu mpera z’umwaka w’2018 buca dutangura uwu mwaka turimwo w’2019, ko kizokora ku bapfungwa barenga ibihumbi bitatu mu gihugu cose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764