BurundiEnvironnementhomepagekirundiShaddy boo

Hagiye gukorwa rusansuma rw’imvubu ziri mu micungararo y’i Bujumbura

Ikigo kijejwe gukingira ibidukikije (Office burundais pour la défense de l’environnement), OBDE mu mpfunyapfunyo y’ururimi rw’ikinyamazuru kiriko kirategura kugira rusansuma rw’imvubu zose ziri mu micungararo yo mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuraba ko uburagiro buhari bwoba buhagije canke budakwiye.

Nk’uko bishikirizwa na Samuel Ndayiragije asanzwe aramutswa ubuyobozi bw’ikigo OBDE, mu mwaka buca dutangura w’2019 ngo hategekanywa kuzokorwa rusansuma rw’imvubu zose ziri mu micungararo y’i Bujumbura gutyo bamenye igitigiri kanuni c’imvubu zihari.

Yamara naho biri uko, bwana Ndayiragije amenyesha ko muri Ndamukiza uwu mwaka, ikigo arongoye cari carungikiye ababaruta icegeranyo c’imiryango y’imvubu n’aho iba, ivyo bikaba ngo bitabujije bamwe mu bategetsi gutanga bimwe mu bibanza izo mvubu zaja kurishamwo ubwatsi babihereza abavyukamamwo amazu, ivyoba vyanatumye zizitari nke zitangura kuyerera aha na hariya zirondera ubwatsi zimwe zigahava zitangura n’ukuza zirarya abantu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764