BurundiDevelopmentEnvironnementhomepagekirundi

Hasigaye imisi iharurwa ku rushi kugira ngo udusashe tuvanwe kw’isoko

Itegeko ry’umukuru w’Igihugu ribuza ikorwa n’irangurwa hakurya y’igihugu, ibikwa, idandazwa n’ikoreshwa ry’ubumwanya rishira isango ntarengwa ryo gukoresha isashe kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2020.

Mugihe rero hasigaye iminsi itarenga 11 kugira tugere kuri iryo sango ubumwanya buracari bwinshi aho budandarizwa kandi n’ibitekerwamwo vyo kubusubiriza ntibiraboneka kurugero rushimishije, nkuko abadandaza batari bake bavyemeza.

Abarundi batari bake bakaba bagikoresha ubumwanya butabora kuko busanzwe buzimbutse. Isashe zikaba zigurwa amafaranga ijana, amajana abiri kuduga bivanye n’ubwoko bwayo. Ariko izo zose zigahurira ku kwonona ibidukikije kandi zikaba zitabora.

N’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS ribicishije mw’itangazo ryasohoye kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2019, ryarasavye ko hogabanywa bimwe biboneka plastique kugira hakingirwe ibidukikije, ubuzima bw’umuntu ntibubandanye kuja mu kaga.

Itegeko ry’umukuru w’igihugu ribuza gukoresha ubumwanya ryateweko umukono kuwa 08 Myandagaro 2018, rikaba riha ikiringo c’amezi 18 abadandaza kugira babe baheraheje ubwo baranguye ayo akazorangira mu misi itarenga 11.

Amashirahamwe amwamwe akaba yabibonyemwo akaryo ko kwiteza imbere mu gukora ibisubirira ubumwanya naho impinga ikiri ndende, kuko bakora ivyo gutekeramwo bike ugereranije n’ubumwanya bukoreshwa ku munsi.

Ibintu vyose bikozwe muri plastique vyakoreshejwe bikaba bizosubizwa kwa benevyo harimwo amacupa ya plastique kugira bisubire guhingurwa nkuko bivugwa n’ingingo y’indwi y’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Kugeza ubu ivyo bicupa n’ubumwanya vyakoreshejwe bikaba bitembagara hirya no hino mu miserege itwara amazi no mu mabarabara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768