homepagekirundipoliticsPolitique

Ibi nivyo inama nshingamateka itegura kwiga muri uku kwezi kwa Ndamukiza

Integuro y’itegeko rijanye n’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka wa 2020 ushira uwa 2021 hamwe n’irigenga amasezerano hagati y’ibihugu vya Afrika Caraïbes na Pacifique (amasezerano yabereye i Cotonou muri Benin) ni zimwe mu nteguro z’amategeko icumi na rimwe zizokwigwa n’inama nshingamateka mu bikorwa vyayo bisanzwe vy’ukwezi kwa Ndamukiza 2020.

Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2020, uwurongoye inama nshingamateka yahamagariye abanyamigambwe kwihanganiranira mu vya poritike muri iki gihe twimirije amatora.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda asaba kandi umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI kwama uvugana n’abagengwa n’ayo matora twimirije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755