BurundiHealthhomepagekirundi

Ibi nivyo umukuru w’igisagara ca Bujumbura asaba ababa muri ico gisagara

Kuri uyu wa mbere waraye uheze, igenekerezo rya 23 Ntwarante 2020, abajejwe intwaro mu ma zone agize igisagara ca Bujumbura n’abari mu mashirahamwe y’urwaruka bari baramutse bahabwa inyigisho zo kwirinda ikiza c’umugera wa COVID-19 ukunze kwitwa Coronavirus.

Muri izo nyigisho, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yahamagariye abari bazitavye ko basabwa gufasha mu kwigisha no guhimiriza abanyagihugu ku nyifato bogira aho baherereye mu kwirinda ico kiza.

Freddy Mbonimpa amenyesha ko naho mu Burundi ata muntu biraboneka ko afise iyo ndwara, abarundi bohindura ingendo na cane cane bakubahiriza ingingo zafashwe na Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwa Sida.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764