BurundiEconomyhomepagekirundisecuritysociete

Ibibanza vyabo ngo bishobora kwugarwa mu gihe batokurikiza amategeko

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano buributsa abafise ubunywero, uburiro, ubutambiro hamwe n’abarongozi b’amashengero barara baratamba bavuza ingoma ko bobihagarika guhera uno musi nyene, abatazobikora ngo ibibanza vyabo bizokwugarwa.

Ivyo ni ibishikirizwa na Moise Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji. Moise Nkurunziza amenyesha kandi ko ubushikiranganji avugira bwasubiye kandi kugabisha abadandaza bamwe bamwe b’ibinyobwa bihingurwa na Brarundi, umwavu uhingurwa n’ihinguriro FOMI hamwe n’isima ya BUCECO babigurisha ku biciro bishakiye atari ivyashinzwe na Reta ko bazobugarira ibibanza vyabo babandanije kudahaha.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi hamwe n’umutekano bukaba bwaboneyeho guhamagarira ba Buramatari b’intara hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko bogira rusansuma rw’abaranguza ivyo bidandazwa bihingurwa na FOMI, BUCECO hamwe na Brarudi (les grossistes), mu gihe batazoba babikurikije bazoheze bakurwe ku rutonde rw’abaranguza ivyo bidandazwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767