BurundiEconomyhomepagekirundi

Ibidandazwa vya magendo biherutse gufatwa n’igiporisi, vyashikirijwe ikigo OBR

Igiporisi c’Uburundi cashikirije kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Nyakanga umwaka w’2020, ibitenge cari kimaze imisi gifata vyinjijwe mu Burundi mu manyanga bivanwe mu gihugu kibanyi ca Kongo (Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo), ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi, OBR.

Ivyo bitenge vyababa igihumbi kimwe n’amajana ane hamwe n’ubumwanya butari buke bikaba ngo vyafashwe kuva ku kwezi kwa Mukakaro uwu mwaka. Vyombi bikaba vyashikirijwe ikigo OBR mu ntara ya Cibitoke.

Jean Berchmans Niyonzima, komiseri ajejwe gukora amatohoza yamenyesheje ko ivyo bidandazwa vya magendo vyafashwe ko bifise igiciro kiri hagati y’imiriyoni icumi na zitatu na cumi na zine z’amafaranga y’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766