BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Igihugu c’ubushinwa kibandanya guterera umuganda mw’iterambere ry’igihugu

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 kigarama 2019, Edouard Nyandwi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ugutwara ibintu n’abantu, yamenyesheje ko hari ubwato bugiye gutangura kwubakwa buzofasha mu kwunguruza abantu n’ibintu biciye mu kiyaga Tanganyika.

Nyandwi amenyesha ko ubwo bwato buzokwubakwa bifashijwemwo n’ishirahamwe ry’abashinwa Mango Tree, kandi rikazotanga akazi ku barundi bagera kuri 65 mukuzofasha ku bwubaka. Buzoba bufise ububasha bwo gutwara abantu amajana 300. N’ibintu bipima itoni 2.

Edouard Nyandwi agashima ko iyo nzira yo mu kiyaga izoba izimbutse ugereranije n’iy’ibarabara rimwe na rimwe ryononekara bigasaba ko risanurwa. Ikindi ngo n’uko ubwato buramba aho ngo bushobora kumara imyaka 50 canke 100.Akandi karusho ngo n’uko abo bazofasha kubwubaka bazohabwa inyigisho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769