Economyhomepagekirundi

Ihayanishwa-gurisha rigira gatatu ry’ivyakorewe mu Burundi

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 24 Mukakaro umwaka w’2019, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yuguruye icese ihayanishwa-gurisha rigize gatatu ritunganijwe ry’ivyahinguriwe mu Burundi “Made in Burundi”

Muri ico gikorwa co kwugurura iryo hayanishwa-gurisha ryitabwe n’amahinguriro menshi asanzwe ahingura ibintu bitandukanye mu gihugu hamwe n’ayandi mashirahamwe akora imirimo itandukanye, Gaston Sindimwo yaboneyeho akaryo ko kwirabira bimwe bimwe mubiriko birahayanishwa.

Umunyamabanga mukuru w’ikigo gihurikiyemwo abarwizatunga CFCIB yavuze ko amahinguriro hamwe n’ubudandaji bikwiye gushigikirwa kuko arivyo nkingi y’iterambere ry’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758