BurundihomepagekirundipromotedTabac

Ijambo Nyenicubahiro umukuru w’igihugu ashikirije ku musi wahariwe abakozi n’akazi

Barundi, Barundikazi,

Bakozi, namwe Bakoresha;

  • Igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe, abakozi n’abakoresha, mu Burundi no mu bihugu vyinshi, twama twigina umusi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi. Ni akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama, tutibagiye kwidagadura, kwishima no kwishimiriza twigina ivyo twaranguye.
  • Imbere ya vyose, nimuze tubanze gushimira Imana Mushoboravyose yo dukesha ivyo twaranguye kandi tuzeyeko ivyo dutegekanya kurangura muri kazoza. Turashimira kandi Imana yacu yaduhaye amagara meza, Amahoro, Umutekano n’Impore, kandi ikadukingira ibiza n’isibe mu mpande zose z’Uburundi.
  • Kw’izina rya Reta no kw’izina ryacu nyene, turipfurije abakozi bose umusi mukuru mwiza w’abakozi n’akazi, umusi mukuru w’akanyamuneza dukura mu kazi. Abakozi n’abakoresha tuje hamwe, twisuzume twongere dusuzume ivyo twaranguye, dukomeze ya ngendo nziza yo kuja inama n’ingingo. 
  • Mu guhimbaza uyu musi mukuru twashize imbere iki civugo: « Burundi bwacu, Burundi buhire, tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima». Iconacokikaba cogera ku civugo nyamukurutumaze hafi imyaka itatu twisunga ari co c’iki: «Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja».

Bakoresha, Bakozi mwese;

  • Uyu musi mukuru wacu ntuherere mu birori no kwidagadura gusa. Nube nyabuna akaryo keza ko kwerekana  ku mwaka ku mwaka ico dushoboye, turavye ivyo twaranguye n’akarusho ku mwimbu dufatiye ku myaka iheze. Na kare ngo:«Igiti ntikimenyekana kubera izina citwa, bakimenyera ku vyamwa».
  • Ako kamo twama tugatera kandi tuzokwama tugatera. Kira noneho karītabīrwa n’abo tugatera. Twashaka rero dushimirecane abakozi bose, aba Reta n’ab’amashirahamwe yegamiye Reta, abo mu mashirahamwe yigenga canke abikorera utwabo umwe wese ku giti ciwe, ku buryo barangurana umwete imirimo yabo.
  • Turashimiye umugwi w’igihugu ujejwe ibiganiro mu kazi uhurikiwemwo n’abaserukira Reta, abaserukira abakozi  n’abaserukira abakoresha, kuko bagiye baragīra inama abakozi n’abakoresha ngo bakore bisunze amategeko y’akazi. Ivyo vyatumye ingendo y’amayegereyegere icika umugani, umwimbu nawo urushirizaho kwiyongera.
  • Turashimiye cane kandi turateye intege Abarundi bagiye  hamwe bagashinga amahinguriro y’ivyo twimbura aha iwacu nk’ibigori, ibitoke, ingano, ivyamwa, amazi, n’ibindi, bagatanga akazi, amatagisi n’amakori.
  • Muri iyo ntumbero nyene, turashimiye abagiye hamwe bakagira amahinguriro y’ubutare bwacu, ay’ifumbire, amabati, imisumari, ivyuma nkomezanyubakwa, n’ibindi. Abo bose turabashimiye, nibakomere ku muheto turabashigikiye. Turashimiye cane n’urwaruka rumaze kwitunganiriza imigambi y’iterambere, rugakorera hamwe, rugatanga akazi ku rundi rwaruka no ku bakuze.
  • Ntitwokwibagira gushimira abakora ibikorwa bitera iteka igihugu mu makungu, aha twovuga  nk’abakinyi b’Intamba mu Rugamba, abakinyi ba Judo, abanonotsi babaye aba gatanu ku bihugu birenga 40 vyahiganwa, umuririmvyi Ngendabanka Natasha, Abanyeshure b’Abarundi baronka amanota n’ibibanza vyiza mu makungu n’abandi bateye iteka igihugu mu mahiganwa atandukanye bagatahana ibibanza vyiza n’udushimwe dushimishije.

Barundi, Barundikazi,Bakozi, namwe Bakoresha;

  • Inyubako rusangi nk’amashure, amavuriro, ibitaro, amasoko, ibigwati, ibibuga vy’inkino, amazi ya rusengo, imikobeko, amabarabara y’imigenderanire, isuku, kwubakira abatishoboye, ibiro vy’indongozi mu ntwaro, amahoteri n’ibindi vyarubatswe kandi bibandanya vyubakwa muri uyu mwaka. Turashimiye Abarundi bamaze kwijukira imigambi imara igihe kirekire; ni ingendo ituma haboneka ubuzi bwinshi kandi buramba.
  • Turashimishwa n’ibikorwa vyaranguwe n’urwaruka mu buruhuko; ibikorwa bifise igiciro cababa imiriyarindi 19. Tuzoshishikara gusahiriza amakomine mu migambi izamura ubutunzi bwayo mu kwongereza amahera agenewe amakomine, ave ku miriyoni 500 aje ku miriyoni 570 ku mwaka. Yamara rero, turibukije ko ayo mahera turonsa amakomine adasubirira ibikorwa rusangi. Turakeje kandi turakengurukiye Amakomine atadebukiwe, nabere akarorero ayandi makomine.
  • Turashimishwa n’urugero rw’umwimbu w’ibifungurwa, umwimbu w’ibiterwa njabukamazi na cane cane ikawa, tutibagiye umwimbu mu gisata c’ubutare n’agataka, hamwe n’umwimbu mu gisata co gutororokanya amakori n’amatagisi.
  • Turashimiye abahetsi b’intara zitandukanye, abashingamateka n’abakenguzamateka, tutibagiye n’abandi barundi b’imboneza barazwa ishinga no guteza imbere igihugu bahereye aho bataye uruzogi.
  • Turashimiye kandi Incabwenge z’Abarundi mu bisata bitandukanye ku vyiyumviro n’impanuro zubaka batanga hamwe no ku mutima wo kugwanira no guharanira inyungu n’iteka vy’igihugu.
  • N’aho dushimishwa n’ivyaranguwe mu bisata nka vyose bigize ubuzima bw’igihugu, ntitwokwirengagiza kunegura ibikorwa bidatera iteka Igihugu cacu, bikorwa n’abantu bari ku rushi, bibandanya kwibonekeza hirya no hino nko mu bajejwe intwaro, mu nzego z’Umutekano no kwivuna abansi, mu bucamanza, mu gisata c’amagara y’abantu, mu gisata c’ubutunzi, mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara n’ibikorwa vya reta, mu gisata c’indero; haba ku barezi badohoka kw’ibanga canke ku barerwa bigenza nabi, abakozi bacerwa, abarya imitsi abandi n’abandagaza amabanga y’akazi, abakingira ikibaba ababangamira umutekano n’ubutunzi bw’Igihugu, abakozi ba Reta biha ububasha badahabwa n’amategeko, abahingura ivyonona amagara y’abantu, abo mu mashirahamwe ya Reta basa n’abayagize ivyibare vyabo, n’abandi. N’aho abo tudondaguye bari ku rushi, ntitwokwirengagiza ko «Ubuto bw’urutobo butarubuza kurura».
  • Ntitwokwibagira kunegura n’abantu ku giti cabo bakora ibitaroranye. Aha twovuga ababangamira ibidukikije, adadanza bamwe bikinga agahumbezi, n’abandi bashorera ibidandazwa hanze y’Igihugu ariko ntibagarukane amahera y’agaciro, abadandaza ivyataye agaciro harimwo n’imiti, abarya ibiturire n’izindi ngeso z’uburyarya, Abakozi b’Imana bataye umurongo, abatyoza igihugu cabibarutse n’ubundi bubegito butandukanye.

Bakozi, Bakoresha;

  • Reta y’Uburundi n’Abarundi ku giti cabo bararajwe ishinga n’ikibazo c’ubushomeri. Utwigoro twinshi muri iyo ntumbero twaragizwe biciye mu migambi itanga akazi. Aha twovuga nko mu Bushikiranganji bw’Amasôko ntanganguvu Ubutare n’Agataka, ubw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije, ubw’ibikorwa vya Reta, mu mashirahamwe yemererwa gukora n’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe gushinga amashirahamwe, n’ahandi.
  • Eka n’abafise akazi bama bakenera uturusho no kworoherezwa uko bukeye uko bwije. Twisunze ivyipfuzo vy’abakozi, twarashizeho umugwi wo kwiga ingene ubusumbasumbane bw’imishahara bwogabanuka.

Kubera ko uyu mwaka ari uwa nyuma ku kiringo c’imyaka ine cari gitegekanijwe, turasavye Ubushikiranganji bubijejwe kubandanya ico gikogwa kugira kirangirane n’ikiringo categekanijwe. Turazi ko abakozi bose barindiranye igishika n’ivyizigiro  vyinshi ibizovamwo.

  • Mu ntumbero yo kworohereza abakozi n’abakoresha, igitabu kigenga akazi carasubiwemwo hisunzwe amategeko mpuzamakungu agenga akazi. Ubu hakaba hariko harasuzumwa ko ivyasabwe na ya nyabutatu igizwe n’abaserukira Reta, abaserukira abakozi n’abakoresha vyongewe muri ico gitabu imbere y’uko gishirwa ku mugaragaro. Eka n’igitabu c’amategeko yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abakozi kiriko kiratosorwa.
  • Ku bijanye n’ibiganiro mu kazi,uyumwaka waranzwe muri rusangi n’umwumvikano hagati y’abakozi n’abakoresha, bafashijwe na wa mugwi ujejwe ibiganiro mu kazi. Amatati yaratatuwe biciye mu biganiro bishira imbere umwumvikano n’ukugwiza umwimbu. Umugwi ujejwe ibiganiro mu kazi warabandanije gushiraho ibisata mu ntara zose.

Barundi, Barundikazi,

Bakozi, namwe Bakoresha;

  • Twisunze Icivugo cahariwe uyu musi « Burundi bwacu, Burundi buhire, tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima», tutibagiye n’Icivugo Ngenderwako: «Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja»; twashaka dufate kano kanya ngo dutange impanuro

Ubwa mbere: Umurundi wese akwiye kwibaza kandi akiha inyishu itomoye, maze akaboneraho gufata ingingo. Bimwe mu bibazo yokwibaza ni ibi:

Mbega nzoterera iki mw’irangurwa ry’Umugambi Ndongoramigambi w’imyaka cumi? Nzoterera iki mu mugambi w’igihugu wo gukingira ibidukikije «Ewe Burundi Urambaye»? Mfise uruhara uruhe mu migambi yo kurwanya ubukene n’inzara, kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu, kuvyara ku rugero n’iyindi migambi y’igihugu?

Ubwa kabiri: Incabwenge zisabwe kubera akarorero n’icitegererezo abandi mu kwitegurira imigambi, mu kugaragaza inyifato ibereye uhereye mu muryango, mu kibano, mu ncuti n’abagenzi, mu kazi n’ahandi hose.

Ubwa gatatu: Tuvavanure n’agatima ko kuzera vyose kuri Reta, nyabuna dukoreshe ubwenge n’ubumenyi twaronse  mu kwitunganiriza imigambi mito mito yunguka.

Ubwa kane: Twame twitwararika ko uwukize akiza abandi, ababishoboye turwize akazi duhereye iyo twataye uruzogi, twongere turemeshe abo twahasize mu kubatera intege no kubaterera ivyiyumviro nkaburabwenge.

Ubwa gatanu: Ntitwinenaguze akazi, tuzirikane ko atamwuga udakiza uretse uwo kuroga; turangurane umwete n’ubwira akazi tujejwe, tuzirikane ko « Imana idaha uwicaye », kandi ko«Impērá ari iy’uwakoze».

Ubwa gatandatu: Twijukire gukorera mu makoperative no mu yandi mashirahamwe; twame twibuka kandi twibukanya ko «Tubiri tuvurana ubupfu», ko  «Umutwe umwe utigira inama», ko «Imitwe ikora ikoranye», ko «Inyakamwe inyaga imwe».

Ubw’indwi: Duterere agacumu k’ubumwe mu kurwanya inzara n’ubukene, tutibagiye kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu.

Ubw’umunani: Dusome amategeko y’akazi kandi tuyagendere kuko akazi karangurwa neza iyo abakozi bazi amategeko akagenga kandi bakayubahiriza.

Ubw’icenda: Umukozi wese asabwe gukora nk’uwikorera. Ntihagire n’umwe azosubira gukora nk’umucangero. Vavanure n’imvugo yataye igihe ngo «Akazi k’ibwami kica uwicaye», canke ngo «Reta ntihomba».

Ubw’icumi: Turasavye dushimitse ko akazi kohabwa abagashoboye kandi kagatangwa ata nkunzi canke mpingayanje. Dusavye ababijejwe guhana bihanukiriye uwo wese bizogaragara ko yatanze akazi abanje gusaba canke guhabwa igiturire.

Ubw’icumi na rimwe: Abakoresha bokwitwararika gukarihiriza ubwenge abakozi, abo nabo bagaheza bagasabikanya ubuhinga n’ubumenyi barahuye na bagenzi babo.

Ubw’icumi na kabiri: Turasavye dushimitse Abarundi bose, iyo bari hose ngo bijukire kubitsa amahera mu mabanki yo mu Burundi no kurangurira imigambi mu gihugu cabo. Turararitse kandi Abarundi bose ngo bijukire amasandugu yo kuziganya no kuguranana.

Ubw’icumi na gatatu: Dusavye amabanki kugabanya inyungu baka abasavye ingurane, ahubwo bongereze inyungu baha ababitsa.

Ubw’icumi na kane: Abarundi twese duhamagariwe kubungabunga inyubako rusangi, tureke kwisamburirako. Tuboneyeho kumenyesha ko hari ibihano bitekekanijwe ku bonona inyubako rusangi, kandi ko ubutunzi bw’Igihugu bwihagiwe butegerezwa kugaruzwa.

Ubw’icumi na gatanu: Abakoresha bose basabwe kwiyubara ku ngingo zose bafata. Kuva ubu abakoresha bazirikane ko Reta atari yo izobazwa ingingo zitaroranye zafashwe n’abakoresha, ko mwene izo ngingo zizobazwa nyabuna bene kuzifata. 

Barundi, Barundikazi,

Bakozi, namwe Bakoresha;

  • Uyu musi mukuru uhimbajwe mu gihe Abarundi bari hanze y’Igihugu bariko baratahuka ku bwinshi. Dusavye Abarundi bose kwakirana urweze abo benewabo, basabikanye umwimbu babasanganye. Abatahutse na bo tubasavye gushikira ku kivi, biteze imbere, bongere bateze imbere Igihugu.
  • Duhimbaje uyu musi mukuru hasigaye umwaka ngo tuje mu matora ya 2020. Turashimiye Abarundi bamaze gutegera ko «Akimuhana kaza imvura ihise» mu guterera urwo rubanza rudasanzwe twimirije. Turashimishwa n’intambwe duteye mu kwitegurira Amatora ya 2020, tugaca tuboneraho kumenyesha abo vyagoye bakikora ku ntererano z’amatora ko ukwezi kwa Rusama nikwarangira batarazisubiza bazoshengezwa.
  • Turashimiye kandi turakeje Abarundi bose bama bitwararika kuramira benewabo bari mu bibazo. Turashimiye cane cane ihuriro ry’Amasendika y’abigisha COSSESONA ku mutima wo kwitanga bamaze imisi bagaragaza. Ni bakomere ku muheto turabashigikiye.
  • Imbere yo gusozera, turasubiye gushimira no gukeza abo bose bitanga mu guteza imbere abakozi n’akazi. Turakeje cane urwaruka rumaze kwitunganiriza imigambi y’iterambere, rukagwiza akazi kandi rukagatanga.Tukaba turwemereye ko Reta izorushigikira.
  • Turasubiye kwipfuriza Abarundi bose umusi mukuru mwiza w’abakozi n’akazi, umusi wo kuzirikana akazi n’iteka kaduha, maze tukarangure dushira imbere umwumvikano hagati y’abakoresha n’abakozi, kandi twitwararike gukwirikiza amategeko y’akazi. Imbere ya vyose, twame tuzirikana iki civugo: « Burundi bwacu, Burundi buhire, tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima».

Imana ihezagire abakozi bose;

Imana ihezagire Uburundi n’Abarundi;

Murakoze!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764