homepageDonard Trumpkirundipoliticspromoted

Ijambo rishikirijwe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 57 Uburundi bumaze buhabuje intahe y’ukwikukira

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

1. Imbere ya vyose nagomba mbanze nshimire Imana Mushoboravyose, umuremyi w’ijuru n’isi yaturemeye Igihugu cacu ciza c’Uburundi kandi igatako ikakizigama gushika uyu musi.

2. Uyu musi imyaka 57 irarangiye igihugu cacu gihabuje intahe yo kwikukira. Kuva mu 1962 ni ho Uburundi bwacu bwigobotora mu vyara vya bakavamahanga baducura bufuni na buhoro maze buhagurukana ubugabo burikukira. Ibendera ry’I gihugu cacu riraduzwa, rirahungabana, ibendera ry’abanyamahanga riramanurwa. Ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu rurasamirana mu Burundi no mu makungu.

3. Nagira rero mfate aka kanya ngo nipfurize Abarundi bose umusi mukuru mwiza wo kwikukira. Ubabere umusi mwiza aho muri hose, umusi wo kuzirikana agaciro k’Igihugu canyu.

4. Nico gituma twagomba tubanze kubasaba gusubiza amaso inyuma, turabe kahise k’Igihugu cacu, turabe uko Igihugu cari ciyubatse, ingorane cagize, kugira dutahure ivyo turiko turacamwo ubu, hanyuma dutegure Uburundi bw’ejo tuzoraga abana bacu, abuzukuru n’abuzukuruza.

5. Imbere yuko Abadagi baza mu Burundi, imbere y’umwaka w’1903, Uburundi cari Igihugu giteye igomwe, cari Igihugu c’amata n’ubuki. Igihugu cacu cari cifashe neza mu bijanye n’intwaro uko yari itunganijwe, mu butunzi no mu mibano.

6. Ivyo vyagaragarira mu vyakoreka ico gihe, aha twokwibukanya uko imisi mikuru yategurwa kandi ikaba mu mahoro n’umutekano ntangere. Umusi mukuru w’umuganuro warerekana ubwigenge Igihugu cacu cari gifise, ugufashanya no gukorera hamwe, tutibagiye gusangira akabisi n’agahiye.

7. Abarundi barangwa n’umutima wo gufatana mu nda. Aha turavuga ibikorwa bakorera hamwe mu kibiri, vyatuma bakora ahantu hanini kandi mu mwanya muto.

Umurundi ntiyari nyamwigendako, haba namba, kanatsinda bavuga ngo : « nyamwigendako ntarimira impeshi ».

8. Hambavu yo kurima, Abarundi barorora, baracura, barabumba, barajisha, ivyo vyatuma Abarundi baronka ivyo bakeneye batarinze kuzera inze. Aha twokwibukanya ko bari bazi no kwikorera impuzu bambara, kandi ko bari bazi bakongera bakikorerera imiti kama ibavura ikongera ikabavurira ibitungwa vyabo. Uburundi bwari Igihugu citunganije neza mu bisata vyose bigize ubuzima bw’Igihugu.

9. Muri make, imbere y’umuzo w’abakoroni, uburundi cari igihugu cifashe, carangwa n’ibi bikurikira:

Gushira imbere Imana, kwubaha Umwami no Kuzirikana Igihugu: ivyo vyagaragazwa n’icivugo caranze Ingoma zose z’Uburundi: Imana-Umwami-Uburundi. Ivyo birerekana neza ko Abarundi bari bazi Imana bakongera bakayambaza. Haba namba si abakoroni bazanye Imana mu Burundi.

Kugendera kw’Iyerekwa n’Akaranga k’Intare bikomoka ku Mwami dukesha Uburundi: Ntare Rushatsi. Muri iryo yerekwa, Abarundi barazirikana na ntaryo ko bahamagariwe kurwanira Iteka ry’Igihugu na kazoza k’abuzukuruza.

Ubumwe bw’Abarundi bwakomoka ku rugo rwo mushinge w’Igihugu, bugashamikira ku miryango, bukabona gushwara Igihugu cose. Urugo kandi rwari inkomoko y’indero yo ku ziko yashira imbere ubutore, ubutwari n’ubuhizi.

Ubumwe bw’Abarundi bwariserura mu buzima bwa misi yose: barimira hamwe mu kibiri, bararagirana atawusobanurira uwundi, baramariranira imanza.

Abarundi barafatana mu nda, barasangira akabisi n’agahiye, umusesekara w’umwimbu ukabikwa mu bitiba n’ibigega kugira babike imbuto bongere bategekanirize kazoza.

Imico kama y’Abarundi yari rurangiranwa, uwubabonye yaratamarirwa agata amacumu. iyo mico ni yo yari ishingiro ry’intwaro itunganye kandi itunganiriza bose.

Uburundi bwari bufise ingabo zifise ubugabo, hamwe n’ibirwanisho bikwiye kandi bikorerwa mu Burundi.

10. Mu mwaka w’1896, ni ho Abadagi binjira mu gihugu inyuma y’intambara zikomeye hagati y’Umwami Mwezi Gisabo n’Abadagi. Abadagi bifashishije Abarundi b’ibihemu batitayeho ineza y’Igihugu Kirima na Maconco, bituma Mwezi Gisabo arushwa maze yemera gushira umukono ku masezerano y’i Kiganda yo ku wa 6 Ruheshi 1903, yemerera Abadagi gutegeka Igihugu cacu.

11. Abarundi rero muri ico gihe bari binjiye mu bihe bidasanzwe vyo gutwazwa igikenye n’ubuja. Uburundi buca butakaza ubwigenge bwari bufise. Itunganywa ry’intwaro rirahinduka rija mu minwe ya bakavantara, ubutunzi burahungabana, imibano irasambuka ; Uburundi buba bwinjiye mu bihe vy’umwijima.

12. Aha twokwibuka ingene Abarundi basinzikarizwa ubuzima, abakoroni bagahungabanya agateka ka zina muntu mu gukubita ibimoko abantu nk’ibikoko bambaye ubusa. Amata, amagi n’amasoro vyofashije abana vyashikanirwa abakoroni. Barashizeho kandi amakori y’agahotoro kugira aje guteza imbere ibihugu vyabo.

13. Ntitwokwibagira umugera bateye Abarundi w’amacakubiri, ikibi kibishe cagiye kirabica bigacika aha mu gihugu cacu. Aha muravyibuka bapima Abarundi amazuru, uburebure n’ibindi baducamwo imice ngo babaryanishe kandi barabishitseko. Niko baragiye ariko basize baturoze kandi tuvyemere uwaturoze ntiyakaravye, yaraduhuganiye koko.

14. Twokwibukanya kandi ko bitagarukira aho gusa kuko ibijanye n’amahinguriro, ubutare n’agataka, urudandaza aho ata Murundi yari abifiseko uburenganzira. Vyose vyari mu minwe y’Abakoroni, gutyo Igihugu gitakaza burundu ubwigenge, mu vya poritike, mu butunzi no mu mibano. Igihugu kirasambuka.

15. Kuva mu mwaka w’1916 gushika mu 1962, Ababirigi nabo basubiriye Abadagi, na ho nyene ntakarusho kigeze kaboneka kuko nabo nyene baje bakora ibisa n’ivy’abo bari basubiriye.

Twomenya ko ibikorwa vyo guhungabanya agateka ka zina muntu vyimonogoza mu gihe c’Abakoroni, nk’idandazwa ry’abantu (esclavagisme).

16. Amamuko y’Uburundi nk’Igihugu canke Ubwami abarizwa mu kinjana ca 14 ku Mwami wa Mbere Ntare Rushatsi Cambarantama. Kuva ico gihe gushika umusi mubi abakoroni bavogera Uburundi mu kinjana ca 19, Uburundi cari Igihugu cifashe, cigenga muri vyose ; Igihugu c’Abagabo b’Ijunja n’Ijambo bigaba bakigaburira, bitunga, bakitunganiriza ivyabo.

17. Umuzo w’Abakoroni mbere Abarundi bo hambere bita ibihume bihumeka, wabereye akaziri n’akabi kabishe Uburundi n’Abarundi. Uburongozi bwiza bwashira imbere Ubutungane bwaratembagajwe, Umuryango soko ry’Iteka n’Itekane winjiranwa n’umuryano, Imico myiza yo gufatana mu nda no gusonera agateka ka zinamuntu ititurwa n’imico mibi y’uburyarya, agahotoro n’agacinyizo yazananye n’abakoroni.

18. Muri make, ubukoroni bwinjije Uburundi mu buja, bwa buhinga n’ubumenyi mu bisata bitandukanye nk’uburimyi, ubworozi, ubuvuzi bw’abantu n’ibitungwa, ubucuzi n’iyindi myuga itandukanye birasamburwa, Uburundi buracurwa bufuni na buhoro, Abarundi bahora bafukamira Imana bakayambaza, batangura gufukamira umukoroni, batega amashi uwuyakubitako.

19. Naho vyagenze uko, Abarundi ntibigeze baha umugongo umwansi, ntibigeze bikinga amacukiro amacumu aca ibigango urw’abahungu rwaramutse. Bagiye kuganzwa inyuma y’imyaka indwi batana mu mitwe n’Abadagi, kandi ntibemeye ko batsinzwe baremeranye kuko bagumye biyama bongera biyamiriza intwaro y’umukandamizo gushika biganzuye uwabaganje.

20. Imana ntiyigeze yibagira Uburundi. Mu mwaka w’1958 ni ho Rwagasore n’abo bari bafadikanije batanguza urugamba ngo bahabuze intahe yo kwikukira. Urwo rugamba rwari rukomeye cane, ntirwamworoheye ariko rwari urwingirakimazi.

21. Ntirwamworoheye kuko Abakoroni bababajwe n’intsinzi bafadikanije n’Abarundi ba mpemukendamuke, baciye bamugandagura kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 1961.

Urwo rugamba rwabaye ingirakamaro kuko naho ivyo vyari bigenze gutyo, igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962, Uburundi bwariganzuye intwaro y’igikoroni, buhabuza Intahe yo kwikukira, ibendera ry’abanyamahanga riramanurwa, ibendera ry’Igihugu cacu riraduzwa.

22. Kuva mu 1962 gushika mu 1993, naho vyitwa ko twikukiye, Abarundi ntibigeze baba mu bwigenge bari baharaniye. Bakavamahanga bagumije ukuboko mu Burundi. Ivyo bigaragarira mu ntwaro zari zishigikiwe n’abo bakoroni na zo zikaba zabaye izo kwihagira ubutegetsi, bakima ijambo Abenegihugu ryo kwitunganiriza ivyabo.

23. Izo ntwaro zarangwa n’umukazo, zuzuye amacakubiri nkuko vyari mu gihe c’abakoroni. Aha twokwibukanya ubwicanyi bw’agahomerabumwa bwabaye mu myaka y’ 1965, 1972, 1988, 1993 n’ahandi.

24. Abarundi bagumye bidadaza kugira baharanire ubwigenge bw’igihugu n’agateka k’abenegihugu. Mu mwaka w’1993 ni ho Nyenicubahiro Ndadaye Melchior n’abo bari kumwe bahaguruka babicisha mu ntwaro yitorewe n’Abenegihugu ngo bahindure ibintu. Bamaze gutsinda amatora, ba bansi bo kwikukira baciye bamugandagura inyuma y’amezi atatu arahiriye kurongora igihugu. Uburundi buba burasubiye guhekurwa.

25. Abanyamahanga ntibigeze na rimwe bipfuza ko Abarundi bishira bakizana, bagumye barondera ingene baducinyiza ngo ntituvyure umutwe. Bipfuza ingene bagumana ububasha mu vy’intwaro no mu butunzi. Uburundi bwarahabishijwe ariko ntibwahababutse.

26. Urugamba rwo guhabuza no guharanira intahe yo kwikukira rwarabandanije. Mu mwaka w’2005 ni ho Abarundi bakunda Igihugu basubira kwerekana ko bakeneye ubwigenge bwabo mu kwikurako intwaro z’agahotoro zari zagiyeho biciye ku nguvu.

27. Abarundi rero baritoreye indongozi kuva hasi gushika ku rwego rw’Umukuru w’Igihugu, abenegihugu basubirana ijambo n’iteka, basubira kuronka akaryo ko gutunganya ibijanye n’igihugu cabo mu bwigenge ntangere haba mu ntwaro, mu butunzi no mu mibano. Izuba ryari ryazimye riba rirasubiye kwaka.

28. None kuva ico gihe gushika uyu musi hari icoba carakozwe kigaragaza ukwikukira nyakuri kw’igihugu? Nk’uko twabivuze ukwikukira si uko abanyamahanga basubiye iwabo ahubwo nuko n’ubwo bubasha ntayegayezwa abenegihugu baronka bwo gutunganya ivyabo. Aho rero ibitari bike vyararanguwe. Nagomba ntange uturorero tumwe tumwe ku vyakozwe:

UBWA MBERE: Abarundi bararonse uburengazira bwo kwitorera indongozi kugira batwarwe n’abo bitoreye. Ivyo vyaragaragaye mu matora ya 2005, 2010, 2015 no muri 2018 aho twitorera ibwirizwa shingiro ritunganijwe kandi rigategurwa n’abarundi ubwabo vyabaye imbonekarimwe aho mu Burundi haba amatora ata munyamahanga agiyemwo haba mu nteguro no mu buryo. Ubu naho harimirije amatora ya 2020. Aha naho nyene abarundi bariko barayategura kandi turizeye ko azoba mu mutekano ntangere akagenda neza.

UBWA KABIRI: Harashizweho imirwi itandukanye kugira itunganirize abenegihugu kugira bidufashe kwigobotora mu mbobane twashizwemwo n’ibibi vy’abakoroni. Aha twovuga umurwi ujejwe gukinga ihonyabwoko, uwujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, uwujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi, n’iyindi, iyo nayo ikaba iri ku kivi.

Ntitwokwibagira umurwi wari ujejwe ibiganiro hagati y’abarundi, wadushikanye kw’itegurwa n’itunganywa ry’ibwirizwa shingiro rishasha ryavuye mu vyipfuzo abenegihugu bashikirije; ihuriro ry’abanyamigambwe, hamwe n’itegeko riha ijambo n’ikibanza abadaserukiwe mu nzego zatowe n’abenegihugu.

UBWA GATATU: Hariho kandi igikorwa gikomeye co gushiraho igitabo kirimwo umugambi ndongoramigambi Uburundi bugiye kumara imyaka 10 bwisunga mu bisata vyose vy’igihugu; kuva mu 2018 gushika mu 2027.

Ivyo vyateguwe n’abahinga b’Abarundi n’uburyo buvuye mu gihugu. Iyo ntambwe nayo nyene irakomeye kuko iri mu biranga igihugu cikukiye.

UBWA KANE: Mu gisata c’ubutunzi, Abarundi barakora urudandazwa ata gitsure, amahinguriro arubakwa kandi akarongorwa n’abarundi, ubutare n’agataka biratunganywa neza n’igihugu ku neza y’abenegihugu bose. Ivyo n’intsinzi idasanzwe kuko kugira tubishikeko rwabaye urugamba rukomeye.

UBWA GATANU: Mw’iterambere harakozwe ibitari bike: Ingomero z’umuyaga nkuba ziriko zubakwa, amabarabara, ibitaro, amavuriro amashure mato mato, ayisumbuye na Kaminuza, ibibuga vy’inkino, amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, amashengero ateye igomwe, amahinguriro, amazu nk’ibiro vy’abakuru b’imitumba, ba musitanteri, ba buramatari vyarubatswe. Eka mbere n’igikorwa c’iteka co kwubaka Ingoro y’Umukuru w’Igihugu, ubu ikaba yaraheze. Tukaba twitegura kuyinjira.

UBWA GATANDATU: Mu vya politike ingingo zitari zike zarafashwe kandi zirashirwa mu ngiro kugira umwenegihugu yoroherezwe nko kuvuza abakenyezi bibungenze hamwe n’abana batarenza imyaka itanu bavurwa ku buntu abanyeshure biga kw’ishure shingiro igice ca mbere nabo nyene biga ku buntu.

Muri iyo ntumbero yo kworohereza abenegihugu harafashwe ingingo yuko Gitega ibaye umurwa mukuru wa poritike w’Uburundi. Ingingo yashimishije Abarundi.

UBW’INDWI: Amakomine yararonkejwe yose imiriyoni amajana atanu ubu hakaba hongeweko miringo irindwi (570.000.000 Fbu) kugira igihugu cose gitere imbere ku mu rindi umwe.

Aho hambere hatera imbere intara zimwe zimwe izindi zikibagirwa bivanye n’abatwara igihugu iyo baturuka.

UBW’UMUNANI: Mu mibano, umugera mubi w’amacakubiri y’amoko y’ammekerano wabibwe n’ambakoroni uriko uraranduranwa n’imizi. Ubu inzego zose z’igihugu ziganjemwo abantu b’ubwoko bwose. Aha twovuga akarorero uko mu gipolisi n’igisoda aho izo nzego zatunganijwe ku buryo Abarundi bose baziyumvamwo.

29. Iyi myaka cumi n’ine iriko irarangira harakoretse vyinshi vyerekana koko igihugu cikukiye. Turaziko bitashimishije bose, nk’uko bamye babikora n’ubu baragerageje kugandagura intwari zari imbere y’abandi mbere bamwe bakaba banahasize ubuzima.

30. Ivyabaye muri 2015 vyarerekanye ko abakoroni n’ubu bataraterera hasi ka gatima k’amacakubiri, ko gusahura ubutunzi n’ibindi ariko Imana ishimwe kuko Abarundi benshi barahagurutse bariyamiriza abo bagumutsi.

Barundi, Barundikazi,Bakunzi b’Uburundi;

31. Kubona duhimbaje uyu musi mukuru wo guhabuza Intahe y’Ukwikukira inyuma y’umwaka twitoreye Ibwirizwa Shingiro dukoresheje uburyo bwacu, ni ikimenyetso kigaragaza ko Abarundi batahuye insiguro y’Ukwikukira.

32. Tuwuhimbaje kandi inyuma y’umwaka twitunganirije Umugambi w’Igihugu w’Iterambere w’imyaka cumi. Uburyo bwo kuwurangura na bwo nyene bukaba ahanini buzova aha iwacu mu Burundi.

33. Tuwuhimbaje kandi itegeko rishinga amahera azokoreshwa mu gice ca kabiri c’uyu mwaka no mu gice ca mbere c’umwaka uza w’2020 ryarateweko umukono, kandi ibice 84% vyayo bikazova mu gihugu hagati mu gihe gushika mu mwaka w’2015 Uburundi bwazera inze ibice 52%. Iyi ni intambwe ihambaye mu mateka y’Uburundi. Nta nkeka ko ihangiro ryo kwibako ijana kw’ijana mu myaka itarenga itatu tuzorishitsa.

34. Turashimishwa kandi no kubona duhimbaje uyu musi hari Abarundi benshi bigiriye inama yo kugendera no guteramira akaranga n’imico myiza vyamye biranga Uburundi n’Abarundi: kugendera ubuntu, ubutore, ubuhizi, ubutwari, urupfasoni, gushigikirana, kurwanya ubunebwe, gukunda ibikorwa, guharanira ubutungane, n’ibindi. Na kare ngo «Uta Akaranga, ukaba utaye Akabanga, ugatorana akaranda».

35. Uyu musi uhuriranye kandi n’itahuka ku bwinshi ry’Abarundi bari bahungiye mu mahanga bitewe n’abashaka kudusubiza mu buja. Itahuka rya benewacu riza kwongereza akanyamuneza dukesha uyu musi. Turabahaye ikaze mu bandi benegihugu, baze dutegurire hamwe imigambi y’iterambere, tutibagiye amatora twimirije yo mu mwaka uza w’2020.

36. Uyu musi rero duhimbaza imyaka 57 iheze duhabuje Intahe yo kwikukira, ni akaryo ko kwirimbura ngo tumenye iyo twavuye, tubone aho tugeze kandi dutegure kazoza. Abarundi twirinde agatima ko guhemukira igihugu ahubwo tube imboneza zo gushigikira no guharanira amahoro no kwikukira kw’Uburundi.

37. Ururirimbo ruhayagiza ukwikukira kwacu rurerekana ko Imana ari yo yakiduhaye kandi ko izokituzigamira. Ivyo vyatumye no mw’Ibwirizwa shingiro rishasha dushira Imana Imbere. Iryo banga rirahambaye si ivyo gufata minenerwe.

38. Uburundi bwacu bwarashinze icumu mu mashinga, buhagurukana ubugabo burikukira. Aha rero Abarundi n’abanyamahanga babimenye ko Abarundi aho bageze batazokwemera ko ako gateka kabonetse kavuye kure katazosubira kuduca mu myanya y’Intoke.

39. Igandagurwa ry’Umuganwa Rudoviko Rwagasore, iry’Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe n’abo bari kumwe, Umukuru w’Igihugu Melchior Ndadaye n’abo bari kumwe, Umukuru w’Igihugu Sipiriyano Ntaryamira n’abashikiranganji bari kumwe, Général Adorufu Nshimirimana n’izindi ntwari ritubere umusurusuru wo gusana no gusanura Uburundi.

40. Uhabwe impundu n’abawe birerekana ko ata munyamahanga azotwubakira igihugu. Umurundi wese amenye ko ata kandi gateka afise kamurutira Igihugu ciwe. Ni co gituma abarundi dukwiye kuvuga neza Igihugu cacu aho tuba turi hose.

41. Turashimishwa cane n’Umutima n’ibikorwa vy’Abarundi benshi bigaragaza Ukwikukira. Akarorero ka hafi ni ukwiharahanga uburyo n’ibikoresho mu matora yo muri 2015, guterera amatora y’Ibwirizwa Shingiro n’amatora yo gusubiriza Inzego z’Igihugu mu mwaka w’2020.

Kubera ubwo buryo busa n’ubwakwiye, twashimye ko Abarundi n’abakozi ba Reta bohagarika ico gikorwa, hagasigara haterera abavyipfuza n’abatari bwabikore gusa. Kukaba nkako, amatora azobandanya kandi «Ijana ntiryanka mu rindi», na yo «Uwushaka iteka araritekerera».

42. Turashimiye cane Abenegihugu bamaze gutegera ko kuzera inze bidatera iteka. Dushaka kwitegurira amatora meza, atagira agahonzi kandi agende neza gusumba ayo tumaze gutunganya yose. Ntituzosubira kwemera imfashanyo zitwambura agateka n’ubwigenge bwacu, kanatsinda, nkuko ba sokuru bayamaze: «Ubusumano buhaza umutwe», kandi ngo «Amazi masabano ntamara imvyiro».

43. Reta y’Uburundi yarabonye ko iheka uwisimbiza. Ni co gituma idahengeshanya kugira utwigoro no gutunganya imigambi isahiriza Abenegihugu. Muri ico kigabane c’utwigoro, kuva ubu, umubira wahora ugenewe imiryango y’abakozi ba Reta bitavye Imana ugiye kugwizwa na gatanu, uve ku bihumbi 124 uje ku bihumbi 800.

44. Si ivyo gusa, tugiye no gutanguza nyezina Ibanki y’Urwaruka kandi turategekanya no gusubizaho twa turusho abakozi bahora baronka ukwo umwaka utashe mu gihe vyagaragaye ko bakoze neza. Ijuru niryagenda neza, tuzofata n’ingingo nshasha ziramira abakukuruke, abageze mu zabukuru n’abagendana ubumuga.

45. Hari Umugenzo twatanguye mu mwaka w’2012 igihe twigina Isabukuru y’imyaka 50 duhabuje Intahe y’Ukwikukira. Kuva mu kwezi kwa Mukakaro gushika muri Gitugutu tuzokwinjira icese ivyaranguwe mu ntara zose, mu ntumbero yo gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira tubicishije mu gutura Igihugu cacu amaboko, umutima n’ubuzima. Kimwe muri ivyo ni Ingoro y’Umukuru w’Igihugu.

46. Tuzoyinjira twongere tuyitazire Izina ry’Ubuhizi rifise Insiguro n’Ikimazi ku Barundi bose, abashengeye, abariho n’abazovuka. Tuzoyitirira Uwo dukesha Uburundi, Umwami wa mbere Ntare Rushatsi. Mu Kirundi tuzokwandika kandi tuvuge Kwa Ntare Rushatsi, mu Gifaransa tuzovuga Palais Ntare Rushatsi, mu Congereza na ho tuzovuga Ntare Rushatsi House.

47. Muri iyo ntumbero nziza yo gusubiza Iteka n’Itekane Uburundi bwacu, gutera Iteka abateye Iteka Uburundi, amazina y’inyubakwa, ibibanza n’ivyibutso vyinshi azohindurwa, abe amazina ahuza Abarundi kandi yibutsa Abarundi Amateka y’Igihugu cabo, maze twamirire kure amazina n’inyifato bikomoka ku buhemu, twongere tuvavanure n’imico mibi n’amazimwe vyazanywe n’ubukoroni. Utu ni uturorero tumwe tumwe:

ü Ingoro y’amakoraniro y’Inama Nshingamateka tugiye kwubaka i Gitega izokwitirirwa Umuganwa Rudoviko Rwagasore;

ü Ingoro y’amakoraniro y’Inama Nkenguzamateka izokwubakwa i Gitega Izokwitirirwa Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe;

ü Mu kiringo kitarenga umwaka umwe, hazokwubakwa Icibutso c’Intwari Bihome ku Mutumba wa Nkomwe muri Komine Kiganda, Intara ya Muramvya, aho yabereye Incungu mu kwitangira Igihugu n’Umwami Mwezi Gisabo.

ü Ikambi y’abasirikare y’211 y’abakomando I Gitega kuva ubu yitirirwa Umwami Ntare Rugamba;

ü Ikibuga c’Indege ca Bujumbura kuva ubu citirirwa Incungu ya Demokarasi Merikiyoro Ndadaye;

ü Ibarabara ry’uwa 28 Munyonyo kuva ubu ryitirirwa Umwami Mwezi Gisabo;

ü Ibarabara ry’uwa 3 Nyakanga kuva ubu ryitirirwa Intwari Lt. Gen. Adolphe Nshimirimana;

ü Ikibuga c’Inkino citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore kizokwitirirwa Intwari (Stade Intwari);

ü Ibarabara ry’uwa mbere Munyonyo kuva ubu ryitirirwa Incungu ya Demokarasi Merikiyoro Ndadaye;

Þ Tugiye gushiraho Umurwi w’Abahinga uzotunganya neza ico gikorwa, mu bwenge n’ubwitonzi mu kiringo c’amezi atatu, maze Amazina y’Intwari rurangiranwa z’Uburundi yame mu mitima y’Abarundi, biciye mu kubitirira inyubako n’ivyibutso biranga ubwiza bw’Uburundi.

48. Imbere yo kurangiza nagomba ndabashikirize izi mpanuro:

UBWA MBERE: Abarundi mubandanye urugamba turimwo rwo guharanira no gutsimbataza intahe yo kwikukira. Guharanira ubwigenge bw’igihugu ni urugamba rwa misi yose. Dushishikare gushira hamwe inguvu n’ivyiyumviro dukorere hamwe tuzotsinda.

UBWA KABIRI: Kubandanya ibikorwa vy’iterambere vyo mushinge wo kwikukira nyakuri. Turipfuza ko Uburundi bubandanya butera imbere uko mwaka utashe, hakaza haraboneka ibintu bishasha vyakozwe n’abenegihugu, umurindi turiko w’iterambere tuwukomeze.

UBWA GATATU: Gutegura neza amatora ya 2020 n’iteka ry’igihugu cikukiye. Ni co gituma duhamagara Abarundi bose kubandanya bayitegurira, tugashima n’intambwe tugezeko, haba mu nteguro ndetse no mu buryo buzokora.

49. Mu kurangiza, twagomba dushimire cane intwari zagandaguwe ata kindi zizira atari guharanira no kurwanira no kurwanira ineza n’iteka vy’igihugu. Dukebure kandi abo bose boba bagikoreshwa n’abanyamahanga ngo bave i buzimu baje i buntu, bareke kwisamburirako nk’impene. Twame twibuka ko atawuhemukira igihugu ngo aronke amahoro. Benshi muramaze kuvyibonera.

50. Dusavye impunzi zitarahunguka ngo zitahe eka mbere n’abanyepolitique bari hanze bakubitize agatima mpembero bibuke igihugu cabo. Abarundi babarindiranye igishika, ariko abaronderwa n’ubutungane nabo nyene burabarindiriye; «Urubanza ntirubora». Izindi nzira zose bibaza canke bizera ko bomeneramwo ni ukuzimira no guta umwanya kuko ari inzira zidashika.

Niharambe intwari z’Uburundi

Niharambe Intahe y’Uwikukira kw’Uburundi

Niharambe Uburundi n’Abarundi

Murakoze!

________________________________________________________
Ayandi makuru yasome kuri www.lanova.news#BURUNDI : IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENE ICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU Pierre Nkurunziza MU GUHIMBAZA IMYAKA 57 U BURUNDI BUMAZE BUHABUJE INTAHE YO KWIKUKIRA|#Lanova

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755