Burundihomepagekirundiprimusic-burundipromotedsocieteTabac

Ijambo umukuru w’igihugu yashikirije yipfuriza umwaka mwiza w’2019 abarundi n’ababa mu Burundi

Barundi barundikazi, Umwaka w’2018 urarangiye, uw’2019 nawo uratanguye. Turashimiye cane Imana Mushoboravyose ku vyiza vyinshi yadukoreye muri uyu mwaka turangije, twongera tuyisaba kugumana natwe muri uyu mwaka mushasha dutanguye.

Turipfurije Abarundi bose, aho bari hose, umwaka muhire, umwaka w’amagara meza, amahoro, umutekano, ubutungane, iterambere n’imigisha ikomoka ku Mana. Uzotubere umwaka wo kurushirizaho kuzirikana Igihugu cacu, gufatana mu nda, kunywana no guca ubwenge.

Ni akanyamuneza kadasanzwe kubona umwaka wose uheze impande zose z’Uburundi zirangwamwo amahoro, umutekano n’impore. Turashimiye cane inzego z’umutekano n’izindi nzego z’igihugu zitanga ijoro n’umurango kugira Uburundi buramutswe Iteka n’Itekane. Ntitwokwibagira gushimira Abarundi bose, na cane cane ya makomite y’umutekano ahuriramwo Abarundi bose.

Turasubiye gushimira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu vyama bidufata mu mugongo mu migambi n’imigabo itandukanye, na cane cane mu kujijura abijijanya imitima n’abajanye nyabahururu kubera ibihuha, ibinyoma n’amarementanya bitunganywa bikongera bigakwiragizwa n’abansi b’Uburundi.

Uyu mwaka turiko turasozera wabaye umwaka mwiza cane. Ijuru ryagenze neza, bituma umwimbu wiyongera mu bisata vyose bigize ubuzima bw’Igihugu. Icivugo ngenderwako tumaranye imyaka ibiri:« Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja », catubereye urumuri rutazimiza. Tuzobandanya kucisunga mu mwaka dutanguye.

Akanyamuneza turimwo muri iki kiringo turiko turasozera umwaka twongera dutangura uwundi mushasha, tugaterwa na vyinshi:

Ivyo twakoze, ivyo twiboneye, ivyo twumvise, tutibagiye ibimenyetso bigaragaza ko imbere ari heza cane. Reka tubayagire bimwe mu bidutera akanyamuneza:

Ubwa mbere: Ivyiyumviro vyinshi vyiza vyavuye muri Beneburundi vyatumye dushika kw’Ibwirizwa Shingiro rishira imbere Ubwigenge , Iteka n’Ineza vy’Igihugu ; Ibwirizwa Shingiro risubiza Uburundi mu Biganza vy’Imana nk’uko vyari kera imbere y’umuzo w’abakoroni.

Ubwa kabiri: Twarahakanye icese gusubira mu ntwaro z’igikenye, dutsimbataza ubwigenge bw’igihugu cacu n’intwaro ya demokarasi, Abenegihugu bategura bo nyene amatora y’Ibwirizwa Shingiro, ata mfashanyo y’abahinga, y’uburyo canke y’ibikoresho dusavye hanze.

Ubwa gatatu: Twarasasagaje amahoro n’umutekano mu gihugu cose, Abarundi n’abanyamahanga barishira barizana ata nkomanzi, benewacu bari hanze y’igihugu babona gutahuka ku bwinshi mu gihugu c’amavukiro.

Ubwa kane: Twareretse abagikekeranya ko imbuto mbi y’amacakubiri itakimera kw’isi yacu, twima amatwi Abarundi n’abanyamahanga bamwe bamwe bama bashaka kuturyanisha no kuducamwo imigwi ngo badusubize mw’ihumbi nk’uko vyabibwe n’abakoroni na ba mpemukendamuke babo.

Ubwa gatanu: Tubicishije mu mugambi wo kuzirikana Igihugu cacu, twarafashije Abarundi kumenya gutandukanya icatsi n’ururo, kumenya amabanga n’amateka y’Igihugu cacu no kwitwararika gusiga iragi ryiza. Uwo mugambi tuzowubandanya ku neza y’Abarundi, abariho n’abataravuka.

Ubwa gatandatu: Twarabandanije kwegeranya uburyo n’ibindi bikenewe vyo gutegura amatora yo mu mwaka w’2020, kandi uwo mugambi witabwa n’Abenegihugu benshi, babinezererewe kandi ata gahato. Turabashimiye ko mwitavye ako kamo twabateye ko kwitunganiriza ubwacu amatora ata munyamahanga agiyemwo.

Ubw’indwi: Twariteguriye umugambi nyamukuru w’iterambere w’imyaka cumi (2018-2027) tuzokwisunga mu gutegura iyindi migambi y’iterambere.

Ubw’umunani: Twararonse umwimbu mwinshi, twongera twigira inama yo kuwubungabunga no gusabikanya umusesekara na benewacu bafise amikoro make.

Ubw’icenda :Twarakingiye itunga ry’Igihugu, na cane cane ubutare n’ibiterwa njabukamazi. Iyo ni intango nshasha izodushikana ku kwikukira nyakuri, twigabe twongere twigaburire.

Ubw’icumi : Twaratunganije Umugambi wo gushigikirana, mbere n’umusi wahariwe ico gikorwa ciza urashirwaho biciye mw’Itegeko. Dusavye Abarundi gukomeza Umugenzo mwiza wo gushigikirana, ntikibe igikorwa c’umusi umwe, ahubwo kibe igikorwa ca misi yose.

Ubw’icumi na rimwe: Twarabandanije guterera agacumu k’ubumwe mu kugarukana amahoro mu makungu, no kurwanya ibikorwa vy’imirwi yitwaza iterabwoba.
Tubivuge tubisubire, ivyaranguwe vyose tubikesha Imana Mushoboravyose, n’umutekano wabungabunzwe n’Abarundi bose cane cane inzego zijejwe umutekano, izijejwe ukwivuna abansi, n’izijejwe igendereza. Umutekano ni wo mushinge, ni wo nkingi, ni wo nkizo y’Iteka n’Iterambere mu Burundi no kw’isi yose. Reka tubacire ku mayange ivyaranguwe, ido n’ido abashikiranganji bazoja barabibashikiriza.

Duhereye ku gisata c’umutekano, uno mwaka waranzwe n’umutekano ushimishije mu gihugu cose. Ariko nta vyera de, hari akagwi kitwaje ibirwanisho kagandaguye abantu 26, abandi 7 barakomereka mu Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke. Bamwe muri izo nkozi z’ikibi ubu bari mu minwe y’ubutungane. Abakoze iryo bara bariyemereye ko ryateguriwe mu Rwanda, ko ababatumye bari mu Rwanda, kandi ko baje bava mu Rwanda.

Haribonekeje kandi ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho bicira umuriro; ubwicanyi ahanini bufatiye ku matati y’amatongo hamwe no kwitana abarozi; haribonekeje abahingura, abadandaza n’abanywa ibiyayuramutwe n’inzoga zitemewe n’amategeko, ari navyo ahanini bitera uruhagarara mu miryango no mu kibano. Abo bose bagiye barafatwa kandi barahanwa hisunzwe amategeko uko bukeye uko bwije.

Ivyo vyatumye hasakwa henshi mu gihugu cose, hafatwa inkoho 123, amasasu 16.095 n’ibikono vy’amasasu 127, ibisasu ntezwantoke 446 n’ibisasu bitezwa ibirwanisho 27, amamine 8 n’ibindi bikoresho vyinshi vy’igisirikare n’igipolisi, harafatwa kandi haraseswa n’amaritiro menshi y’ibinyobwa bitemewe n’amategeko.

Mu bijanye na poritike, ibiganiro hagati ya Reta n’imigambwe yemewe n’amategeko vyaratunganijwe, mbere barumvikana no ku rupapuro rw’inzira rw’amatora twimirije mu mwaka w’2020.

Twarakiriye impunzi zitahuka zishika 58.262 zivuye muri Tanzaniya, Kongo, Kenya, Ubuganda na Gabon, n’impunzi zitahuka zidafashijwe na HCR zishika 200.000, tutibagiye Abarundi bababa ibihumbi mirongo itatu birukanywe igikubikubi na Reta y’Urwanda, bagatandukanywa n’abo bubakanye n’uruvyaro rwabo, mbere bagasahurwa ivyabo urukombamazi.

Ikindi gikorwa gihambaye kwabaye ugukura akajagari kari mu mashirahamwe mpuzamakungu n’amashirahamwe yigenga yo mu Burundi akorera mu Burundi, kugira bakore bemewe kandi bisunze amategeko y’Igihugu cacu.

Dusavye cane cane abajejwe ubutungane, abajejwe umutekano, n’Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu kurushiriza gukora neza, maze Abarundi bumve ko baba mu gihugu gifise amateka n’amategeko, ko bafise uwo bashobora kwitura akabatunganiriza, kandi ko agateka kabo kubahirijwe.

Mu gisata c’ubutunzi, umwimbu ubandanya wiyongera uko umwaka utashe. Amahera imiriyaridi 792 y’amarundi ni yo yari yitewze muri uyu mwaka, ariko hegeranijwe ayababa imiriyaridi 850 y’amahera y’amarundi. Ni ukuvuga ko hiyongereye ayarenga ibice 10% ugereranije n’ayinjiye mu mwaka w’2017. Turashimiye abakozi bo mu kigo kijejwe kwegeranya amatagisi n’amakori ku mwete bama bagira mu kurangura imirimo yabo, n’aho hakiriho bake muri bo babateza urubwa.

Turakeje Ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu, ubujejwe Uburimyi n’Ubworozi, hamwe n’Ubushikiranganji bujejwe Ibikorwa vya Reta ku bikorwa vyinshi vyiza bwaranguye.

Turararitse Abenegihugu bose ngo barushirizeho gucungera itunga rusangi no kubungabunga inyubako rusangi. Turasavye kandi ko umugambi w’igihugu wa kabiri(II) wo kurwanya igiturire n’ayandi mabi agikomokako uriko urategurwa worangira, kugira turonke amategeko atomoye kandi ajanye n’igihe tugezemwo.

Mu kurindira uwo mugambi, dusavye umuntu wese yasahuye Igihugu mu buryo ubwo aribwo bwose gusubiza ivyo yasahuye. Dusavye inzego zose zijejwe gukingira ubutunzi bw’Igihugu kurushirizaho guhasha ba kaboko. Turasavye dushimitse ko icegeranyo ntabanduka c’ingene imiduga ya Reta yatanzwe hisunzwe poritike nshasha yo kwunguruza abakozi ba Reta cotangwa mu kiringo kitarenze amezi atatu.

Muri uyu mwaka dutanguye, tuzobandaniriza kw’isemo tugezeko, maze dukutse ikivi.

Ubwa mbere: Tuzobandanya gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu no ku mbibe z’igihugu no kwubahiriza ukwikukira kw’Uburundi.

Ubwa kabiri: Ibikorwa vyo kwitegurira amatora y’2020 bijanye no kwegeranya uburyo n’ibikoresho bizobandanya.

Ubwa gatatu: Tuzohimiriza Abenegihugu twongera tubigisha gushira mu ngiro umugambi mushasha w’iterambere w’imyaka 10.

Ubwa kane: Tuzonagura umugambi w’Ibikorwa rusangi, turwize inyubakwa rusangi: amashure, amavuriro, ibitaro, amasoko, ibigwati, ibibuga vy’inkino, amazi ya rusengo, imikobeko, amabarabara y’imigenderanire, isuku, kwubakira abatishoboye, ibiro vy’indongozi mu ntwaro, n’ibindi.

Ubwa gatanu: Umugambi wo kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu n’abakenyezi bibungenze n’abibarukira mu bitaro rya Reta uzobandanya.

Ubwa gatandatu: Kugira duhangane n’ihindagurika ry’ibihe, tuzobandanya gukingira ibidukikije duciye muri wa mugambi w’igihugu,«EWE BURUNDI URAMBAYE».

Ubw’indwi: Tuzobandanya kwubaka ingomero z’umuyagankuba no gukwiragiza amazi meza mu gihugu.

Ubw’umunani: Tuzokomeza imigenderanire myiza n’ibindi bihugu, turwize abagenzi b’ukuri dufashanya twubahana.

Ubw’icenda: Tuzobandanya gukingira itunga rusangi na cane cane ubutare n’ibiterwa njabukamazi.

Ubw’icumi: Tuzobandanya gufata ingingo zubahiriza agateka ka zina muntu, twubahirize amategeko kandi duhane abayahonyanga.
Ubw’icumi na rimwe: Tugiye guhagurukira ikibazo c’irwirirana ry’abantu. Ni muri iyo ntumbero dusavye Ubushikiranganji bujejwe gutunganya ibisagara, guhagarika ibikorwa vyo gutunganya ibibanza bishasha vy’uburaro mu gisagara ca Bujumbura n’imicungararo yaco.

Ubw’icumi na kabiri: Tuzokorana n’amashirahamwe afise uburyo n’ubuhinga bugaragara, hubakwe amazu agerekeranye, tuyaronse Abenegihugu bayarihe bukebuke bayabamwo. Gutyo tuzoba dutoreye umuti urama ikibazo c’ubukene bw’uburaro n’amatongo.

Ubw’icumi na gatatu: Tuzokingira twivuye inyuma Imico n’Imigenzo vy’Abarundi, twamirire kure inyigisho, imvugo, inyifato n’ibikorwa ivyo arivyo vyose bitosekaza akaranga n’akarangamutima vy’Abarundi.

Igikorwa co kwandika ingo hisunzwe amategeko kigeze ku bice birenga 90% kiretse mu ntara ya Rumonge. Turashimishwa n’iyo ntambwe. Tuzobandanya ico gikorwa twongere tugisozere muri uyu mwaka w’2019. Ivyo tubikora ku neza y’ingo n’imiryango, kwubahiriza imico n’imigenzo vy’Abarundi, tutibagiye umutekano mu ngo no mu gihugu cose ubu no muri kazoza. Twipfuza ko umwaka w’2019 worangira abana bose mu Burundi bafise ba se b’ukuri bitirirwa, kuko umwana n’aho yoba impfuvyi akomoka ku bavyeyi babiri.

Ubw’icumi na kane: Tuzoshishikara gusahiriza amakomine mu migambi izamura ubutunzi bwayo mu kuronsa ikomine yose amahera imiriyoni amajana atanu ku mwaka.

Ubw’icumi na gatanu: Tuzoronsa inyigisho zidasanzwe hamwe n’ibikoresho abajejwe Umutekano no kwivuna abansi kugira barushirizeho guhangana n’ibibazo ivyo arivyo vyose.

Ubw’icumi na gatandatu: Tuzobandanya Umugambi wo kuzirikana Igihugu, dufashe Abarundi kumenya ukuri no guca ubwenge.

Ubw’icumi n’indwi: Kuva mu mwaka w’2019, Umurongozi wese mu gisata ajejwe, azotegerezwa kwerekana ingaruka nziza zikomoka ku ngingo zifatwa ku neza y’Abenegihugu n’Igihugu ubu no muri kazoza. Ni yo nzira irashe yo gukomeza kuzirikana no gukunda Igihugu mu buzima bw’igihugu n’abenegihugu, na cane cane indongozi.

Ubw’icumi n’umunani: Mu mwaka w’2019, Umurwa mukuru wa poritike uzoja ku murwa mukuru w’Intara ya Gitega, kandi Ubushikiranganji bumwe bumwe bugiye kwimurirwa mu ntara ya Gitega.

Eka n’Imirwi y’Igihugu harimwo uwujejwe amatora, uwujejwe amatati y’amatongo n’ayandi matungo, uwujejwe gushira ahabona ukuri no kunywanisha Abarundi, n’iyindi mirwi izokwimurirwa i Gitega no mu zindi ntara z’Uburundi.

Ubw’icumi n’icenda: Kuva mu mwaka w’2019, Inama y’Abashikiranganji izokwama ikoranira mu ntara ya Gitega, kandi n’Umukuru w’Igihugu azotorwa mu mwaka w’2020 azorahirira imbere y’Abenegihugu mu ntara ya Gitega.

Ubwa mirongo ibiri: Tubicishije muri ca kigega co gutera intege no gutanga ingwati, turategekanya kuronsa Imiriyaridi zitatu z’amahera y’amarundi Urwaruka ruhurikiye mu makoperative. Ayo mahera azotangwa nk’ingurane ku nyungu zitavuna, kandi azokwongerezwa mu myaka iri imbere. Iyo ni inzira irashe yo kurwanya ubushomeri no kwongereza igitigiri c’abatangakori.

Nkuko twama tubikora kandi benshi bakaba barumvise akamo twabateye, turasubiriye guhamagarira impunzi zikiri hanze y’igihugu ngo zitahuke. Turazi ko hariho bamwe muri bo bakiboshwe nk’inyagano; turazi ko abandi bahenzwe canke bihenze. «Ikibi ntikizira kuba kizira gusubira, kandi ikibi si ukugwa, ni ukugwa ntuvyuke».

Twipfuza ko Abarundi bose bakiri hanze bipfuza gutahuka botahuka muri uyu mwaka w’2019 dutanguye, kandi nkuko vyama bigenda, tuzobakirana iteka twama twakirana abahungutse bose.

Uyu mwaka w’2019 n’ube umwaka w’ihūngūka, amahoro n’umutekano mu Burundi ntibikiri agaseseshwarumuri. Tuboneyeho gusaba ibihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi, n’ishirahamwe HCR ngo bumve nabo nyene aka kamo duteye abacu, borohereze abipfuza gutahuka.Turashimiye cane abamaze kubikora.

Dusavye Abarundi kwima amatwi ba sesankuyoze bakunda kwibonekeza mu bihe nk’ibi Igihugu kiba cimirije amatora. Mureme, muremeshe abandi kandi mugume ku kivi. Ibisigaye Imana y’Uburundi izovyikorera.

Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y’114 y’Ibwirizwa Shingiro, turagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe, n’abandi; bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.

Mu gusozera, Turasubiye kubashimira mwese ingene mu budasa bwanyu muguma mushigikiye ubwigenge bwanyu n’ubw’Igihugu mufatanye mu nda, muteramira umutekano w’aho mubaye ijoro n’umurango. Mwame mwibuka ko abansi b’Uburundi badasinziriye, na cane cane muri iki gihe c’imisi mikuru ya Noweri n’Umwaka Mushasha.

Turasubiriye kwipfuriza Abarundi mwese aho muri hose umwaka mushasha mwiza w’2019, uze ubabere umwaka w’amata n’ubuki, umwaka wo gusagwa n’urweze n’amahoro meza. Muwuhimbaze mudasesagura kuko:«Inda uyibwira ico wayirarije ntuyibwira ico wayihaye». Tugire urunani rw’intamenwa, «Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja».

Turatangarije Abarundi ko mu mwaka w’2019 Imana igiye guserura vyinshi bitari bwaboneke mu Burundi. Umwaka w’2019 tuwitezemwo Amateka mashasha, no kwakira Ingabire z’Imana zidasanzwe mu Barundi, twongere tuzivomere, tuzivugutire, maze zitubere isoko ry’imigisha n’iterambere bivuye ku Mana Mushoboravyose, kandi twemere gukorana nayo.

Imana ihezagire Uburundi n’Abarundi.
Imana ihe umugisha Uburundi n’Abarundi.
Imana izigame Uburundi n’Abarundi.
Imana imurikishirize Inyonga zayo Uburundi n’Abarundi.
Imana igirire neza Uburundi n’Abarundi.
Imana irabe ryiza Uburundi n’Abarundi.
Amahoro y’Imana abe mu Burundi no mu Barundi.
Izina ry’Imana Mushoboravyose ryame mu Burundi no mu Barundi.
Abarundi n’Uburundi mwakire kurenganurwa n’ugushumbushwa n’Imana.
Uburundi n’Abarundi musesekarizwe Amasezerano mashasha y’umunezero bivuye ku Mana Mushobora vyose.
Imana mushobora vyose isambure imigabo n’imigambi mibi yose y’umwansi w’Uburundi n’Abarundi aho ari hose.
Murakoze!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767