Burundiculturehomepagekirundi

Ijambo umushikiranganji wa mbere wa Tanzaniya Kassim Majaliwa yashikirije mu birori vy’ugusezera irya nyuma Perezida Nkurunziza

Kassim Majaliwa, umushikiranganji wa mbere wa Tanzaniya yagarutse ku bikorwa vyaranguwe na Perezida Nkurunziza, cane cane mu kuvukanisha ibi bihugu bibiri. Yagarutse ahanini ku gikorwa yagiye atarangije kijanye n’ukwinjiza Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubumanuko, SADC.

Majaliwa yagize ati:

“Kimwe mu bikorwa yatanguye ariko agiye atarangije, ni igihe avugana n’umukuru w’igihugu John Pombe Magufuli wa Tanzania, umukuru w’umuryango wa SADC, asaba ko Uburundi nabwo bwokwinjira muri uyo muryango. Turababaye kubona yigiriye iki gikorwa atakirangije”.

Yijeje Perezida mushasha Général Major Evariste Ndayishimiye ko Tanzaniya izomufasha kugira ngo Uburundi nabwo bube kimwe mu bihugu bigize umuryango wa SADC.

Inyuma y’imigirwa itandukanye yabereye ku kibuga Ingoma c’i Gitega ku murwa mukuru wa poritike, ikiziga ca nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza cajanhwe gushinguramwa iteka mu kibanza cari categuwe neza aho i Gitega.

Inyuma y’ishingurwana iteka rya Perezida Petero Nkurunziza, hategekanijwe ko amabendera y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko bizoheza bigasubira kuduza amabendera yavyo kugeza hejuru inyuma y’indwi zibiri zari ziheze aduzwa gushika hagari mu ntumbero yo kwifadikanya n’abarundi mu kigandaro barimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765