DevelopmentEconomyhomepagekirundi

Ikiganiro c’abavugizi : Ibanki yo gufasha urwaruka ngo igiye kwugururwa vuba

                      Jean Claude Karerwa-Ndenzako, umuvugizi wa Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego kiriko kirabera ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi umwaka w’2019, mw’ijambo ryo kwugurura ico kiganiro umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako yarungikanywe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza, yashikirije ko vuba bwango ibanki yategekanijwe kuzofasha urwaruka ko igiye gushirwaho bitarenze uyu mwaka w’2019.

Ni mu ntumbero yo gufasha urwaruka kwiyungunganya na canecane mu kururonsa ingurane izohora irufasha kurangura imigambi yarwo yo kwiteza imbere no gutegura kazoza karwo keza.

Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza abicishije ku muvugizi wiwe yaboneyeho kandi guhamagarira urwaruka rugiye kuja mu buruhuko kubungabunga isi ndimwa, gukingira amasoko y’amazi hamwe n’ibidukikije muri rusangi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761