BurundihomepagekirundipoliticsPolitiquesociete

Ikiyago : Indamutso y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga, umukuru w’igihugu c’Uburundi yaramutse atunganya ikiganiro kidasanzwe aho yishura ku bibazo bitandukanye vy’abamenyeshamakuru n’abenegihugu, ikiganiro kiriko kirabera i Gitega ku murwa mukuru wa poritike.

Mw’ijambo ry’intangamarara hamwe n’indamutso ku barundi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yabanje gusaba abari aho gufata akanya gato k’agacerere mu kwibuka umuhisi Perezida Petero Nkurunziza we yatanguje iki kiganiro cama kiba uko amezi atatu aheze, aho abarundi baba bafise akababakiye bahabwa umwanya bagashikiriza maze bakaronka inyishu.

Inyuma y’ako gacerere, Perezida Ndayishimiye yaboneyeho gushimira abarundi birimizi basigaye baraciye ubwenge aho ngo basigaye bazi kurima mu gihe aba atamvura ihari, bakavomera imirima yabo mu gihe c’ici.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765