homepagekirundisecuritysociete

Imiryango 354 y’abarundi bari bahungiye Tanzaniya yahungutse

Nk’uko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bujejwe umutekano, ugukinga no gutabara mu bihe vy’isibe n’ibiza bubicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwabwo Twitter, ubwo bushikiranganji bumenya ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Gitugutu umwaka w’2019, abarundi bagera ku majana umunani na cumin a babiri bari bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mu mwaka w’2015, baraheza bakiranwa igishika n’urweze ahitwa I Gisuru mu ntara ya Ruyigi.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko abo batashe bagizwe n’imiryango amajana atatu na mirongo itanu n’ine.

Twobibutsa ko abategetsi b’Uburundi badasiba kwama basaba abarundi bahunze ko botahuka mu gihugu cabibarutse kubera uno musi Uburundi bwagarutsemwo amahoro n’umutekano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756