Burundihomepagekirundisecuritysociete

Imvura yaraye iguye yatumye ibarabara rya Bubanza-Ndora ridahita

Ibarabara rya Bubanza – Ndora rica muri zone Kivyuka komine Musigati mu ntara ya Bubanza ntiririko rirahita muri kino gihe. Imvo ni ibihomoka vy’umutumba Gashinge wakorokeye muri ryo bivuye ku mvura nyishi yaguye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2020.

Hambavu y’iryo barabara ritagihita kubera ivyo bibomoke, aho nyene muri zone ya Kivyuka harononekaye ibindi bintu bitari bike nk’amazu yabomaguritse, imirima yatwawe n’ibindi, bagasaba Reta n’abagiraneza ko bobagarukirako.

Gushika ubu, Buramatari w’iyo ntara ya Bubanza amenyesha ko bariko barakora uko bashoboye kugira ngo barabe ko bosibiza ibintu mu buryo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765