Burundihomepagekirundipolitics

Inama nshingamateka yaraye yemeje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yoba imboneza mu kuzirikana igihugu

Ku musi wa gatatu uheze, Inama nshingamateka y’Uburundi yarize itegeko ryemeza umukuru w’igihugu ayoboye igihugu muri kino gihe ko yoba imboneza mu kuzirikana inyuma y’ikiringo co kuramutswa igihugu.

Abashingamatekana bamwe bamwe bakaba barashikirije akabari ku mutima, aha twovuga nk’umushingamateka yatowe mu ntara ya Bubanza, Fabiyano Banciryanino, yamenyesheje ko bitari bikwiye ko uwuramutswa igihugu muri kino gihe ko ariwe yoba imboneza y’ukuzirikana igihugu kubera asanga hari ibitakozwe canke amakosa yakozwe ku ntwaro yiwe.

Umunsi mukuru uhariwe kuzirikana no gukunda igihugu ukazohimbazwa mu kwezi kwa Mukakaro uko umwaka utashe nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana, yari yagiye mu kigobe gusigurira abashingamateka iryo tegeko no kwishura ibibazo vyabo.

Umushingamateka, Simon Bizimungu, yatowe mu mizero y’abarundi akaba yarabajije ko nimba ari imboneza yamaho izofata ijambo kuri uwo munsi mukuru kutazoba ari ukurengera umukuru w’igihugu ahari.

Umushikiranganji Kanyana akaba yavuze ko ari ibisanzwe ko Imboneza izofata ijambo kuri uwo munsi kugira ahanure.

Itegeko rikaba ryaciye ryemezwa n’abashingamateka 91, batatu bararihakana nayo 14 bakaba ataco bashimye kurivugako. Ibikorwa bikaba vyari vyitabwe n’abashingamateka 108.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764