BurundiEconomyhomepagekirundipolitics

Inama nshingamateka yongereje igitigiri c’amafaranga umukuru w’igihugu atekererwa arangije ikiringo

Mu gihe integuro y’itegeko ritekerera umukuru w’igihugu arangije ikiringo ryavuye muri Reta ryategekanya imiliyoni 500 z’amafaranga y’amarundi, inama nshingamateka yayagwije na kabiri n’ukuvuga ko azotekererwa umuriyaridi w’amarundi.

Abashingamateka bakaba babanje kugira amatora kubera batahuriza kw’iduzwa ry’ayo mafaranga. Muri ayo matora abashingamateka 72 bahavuye bemeza ko ayo mafaranga yongerezwa nayo abagera kuri 12 batora ko yoguma ari imiliyoni 500, abashingamateka 3 bobo bakaba ataco babivuzeko.

Umushingamateka yigenga Fabiyano Banciryanino yashikirije amakenga aho yabona ko umukuru w’igihugu ahari mugihe ariko ararangiza ibiringo vyiwe vyokurongora igihugu ko atariwe yarakwiye kugenda yisinyiye amafaranga azotekererwa kuko ngo mugihe ariwe agitwara hashobora kuba utugorana, akabona rero ko iryo tegeko ritekerera uwahoze arongoye igihugu ryoteweko umukono n’umukuru w’igihugu mushasha azoba yatowe.

Pascal Barandagiye arongoye inama nshingamateka akaba yavuze ko ataco vyishe kuba ari umukuru w’igihugu ariko arasozera ibiringo vyiwe vyogutwara azoriterako umukono kuko ngo atari ngaho mu nama nshingamateka kugira abatere igitsure. Ati kira noneho n’itegeko ryavuye mu nama nshikiranganji ryavuga amafaranga make kandi ariwe aba ayirongoye, ariko nitwebwe tuyongereje.

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yari yagiye mu nama nshingamateka gusigura iryo tegeko yavuze ko ari ibisanzwe ko igihugu yarongoye comusohoza inzu canke amafaranga angana n’umuriyalidi ngo naho atariwe mukene cane ariko ngo nivyiza.

Iryo tegeko ryahavuye ryemezwa n’abashingamateka 98 nayo babiri bararihakana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766