DevelopmentEconomyhomepagekirundi

Ingabire y’amadorari imiriyoni 30 niyo igiye gukoreshwa mu mugambi “Nkuriza”

Uburundi buherutse kuronswa ingabire y’amafaranga y’amanyamerika ashika ku miriyoni 30, iyo ngabire ikaba itegekanijwe kuzofasha mu mugambi w’igihugu wiswe “Nkuriza”.

Iyo ngabire ikaba yaraye iteweko igikumu n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihobubwayo hamwe na Jean Christophe Carret, umuyobozi w’ibikorwa vy’Uburundi mw’ibanki y’isi yose “Directeur des Opérations pour le Burundi  à la Banque Mondiale”.

Mwomenya ko iyo ngabire ko itegekanijwe kuzokoreshwa muri uwo mugambi mu ntara zishika kuri zitandatu arizo Makamba, Muyinga, Kirundo, Bubanza, Cibitoke hamwe na Cankuzo, ukazobandanya kurangurwa gushika mu mwaka w’2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761