BurundiHealthhomepagekirundisociete

Ingingo yo kwugara imbibe zo hasi no mu mazi bo ngo ntibaraba

Abarundi barenga 1000 bahunguka nibo bamaze kwakirwa kuva ino ndwi itanguye bavuye mu gihugu c’Urwanda na Tanzaniya.

Ivyo bitigiri bitangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere hamwe n’umutekano, Petero Nkurikiye.

Awo avugira ubwo bushikiranganji amenyesha kandi ko ingingo yo kwugara imbibe zo hasi no mu mazi itaraba uwo muce w’abarundi bahunguka. Petero Nkurikiye amenyesha yamara ko imbere yo y’uko abo bantu baza babanza gupimwa umugera wa koronavirisi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765