homepagekirundisecuritysociete

Inka 42 zaraye zifashwe zibwe zasubijwe benezo

Igiporisi co mu ntara ya Rutana casubije inka 42 kuri benezo b’abanyagihugu bo mu gihugu ca Tanzaniya inyuma yaho zifatanywe abantu 4 harimwo umutanzaniya umwe muri zone Kayero komine Mpinga Kayove mu ntara ya Rutana .

Amakuru dukesha igiporisi c’Uburundi avuga ko izo nka zatanzwe hari abajejwe intwaro nka buramatari w’intara ya Rutana ,musitanteri wa komine Mpinga-Kayove,umukuru w’ibatayo ya 421,umukuru wa zone Kayove hamwe n’abaserukiye abajejwe intwaro mu gihugu ca Tanzaniya barongowe n’umukuru w’agace kitwa Kiyungwe ko mu karere ka Kasulu hamwe na bene inka.

Tubibutseko izo nka 42 zafashwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 2 Nyakanga 2019 muri komine Mpinga Kayove y’intara ya Rutana zibwe mu gihugu ca Tanzaniya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756