homepagekirundisecuritysociete

Intara ya Makamba ibandanya kwakira abarundi bahunguka bavuye Tanzaniya

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 6 Nyakanga umwaka w’2019, abarundi bangana n’520 nibo baraye bakiriwe bahungutse bavuye mu nkambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, bompi bakaba binjiriye mu ntara ya Makamba ahitwa Mugina muri komine Mabanda.

Abo barundi baraye bahungutse bakaba bagizwe n’imiryango 203 igizwe n’abagabo 243 hamwe n’abagore 277, bamwe muribo bakaba bamuka mu ntara ya Makamba nyene (abantu bagera ku 398), abandi mu ntara ya Rumonge (abantu 56), abandi mu ntara ya Ruyigi (abantu 38) hamwe n’abandi 28 bakomoka mu ntara ya Rutana.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756