BurundihomepagekirundiP squareprimusic-burundisocieteTanzania

Intara ya Rutana ibandanya kwakira impunzi z’abarundi zihunguka

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 17 Ruhuhuma umwaka w’2019, impunzi z’abarundi zigeraku majana ane na mirongo itatu na batatu (433) nizo zahungutse zivuye mu nkambi y’impunzi ya Nduta mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya zirungitswe n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR.

Abo bahunguke bose bakomoka muri komine Giharo yo mu ntara ya Rutana bakaba baje biyongera ku bandi bangana n’529 baheruka guhunguka bakakirirwa i Mugina ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu kibanyi ca Tanzaniya bahungutse bavuye mu nkambi za Nyarugusu,Nduta hamwe na Mtenderi zo muri ico gihugu..

Abo bahungutse ejo haheze co kimwe n’abo bandi baheruka guhunguka bompi ngo bakaba bakomoka mu ntara ya Rutana bamwe muribo bakaba bashikiye mu kigo gisanzwe gishikiramwo abahungutse « Camps de Transit » kiri muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767