homepagePolitique

Umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira yarakwiye kuba incungu y’amahoro n’umutekano “

Ayo n’amwe mu majambo ashikirizwa n’umuryango w’uwahoze arongoye u Burundi  Cyprien Ntaryamira mu gihe yariko yibukwa ku ncuro igira 30 ahitanywe n’isanganya ry’indege ryabereye mu gihugu c’urwanda Rwanda  kw’igenrekerezo rya 06 Ndamukiza 1994.

Uwaserukiye umuryango Lambert Ntaryamira  agira ati “Abagenzi incuti abakoranye na Ntaryamira barazi umutima wiwe w’urukundo,imigambi myiza yarafitiye igihugu ,habuze iki kugira uyo mukuru w’igihugu aterwe Iteka ryo kuba incungu y’urukundo , amahoro n’umutekano !”
Lambert Bucumi Ntaryamira kw’izina ry’umuryango wa Ntaryamira arongera akagira ati: “Agashumbusho Kari kuronswa Umuryango w’umukuru w’igihugu karanyurujwe habuze iki kugira abakanyuruje bafatwe hanyuma gashikirizwe Umuryango ?Noneho ntihabuze Umuryango kubera Ntaryamira yari umukuru w’igihugu vyumvikana ko n’igihugu gitegerezwagushumbushwa.Dusaba Reta rero gukora ibishoboka vyose kugira ivyo bibazo vyose bifate inzira .”
Umuryango wa Ntaryamira urongera ugasaba ko hokwandikwa ibitabo vyerekana imigambi mikuru mikuru yarafitiye igihugu harimwo imigambi ijanye n’urutonde muri vyose “discipline “.
Uwahoze arongoye igihugu Sylvestre Ntibantunganya ariko ashimangira kubutwari bwa Cyprien Ntaryamira agira ati :”Wewe warabaye umuntu akomeye muri Uprona uri secrétaire nationale de l’institut ufise imodoka ,dushobora gutsinda amatora reka rero nkwigishe imodoka .ATI rero ibihe nk’ivyo bikwiye kutwigisha ko mu barongera hari abashobora kubona ibikenewe kurusha abandi kare .Aha rero ico twotahana n’iya discipline yavuga ,Umwe wese arabe muvyo akora ari digne haba mubasirikare,abacamanza,Indongozi zitandukanye .Twese twirabe ko tukigendera ico yipfuza.”
Umushingamateka Léonce Ngendakumana wewe yibutsa ko kwibuka président Ntaryamira ari umubabaro aravye ibihari .”Ndavuye Aho Ntaryamira aryamye numva agahinda kenshi kuko niwe yangize icondi.Ni nawe yanyigishije kurinda n’a cane cane ko kuri Bagaza bitari vyoroshe kandi niwe ndabikesha .”
Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’u Burundi Cyprien Ntaryamira akaba yahitanywe n’isanganya ry’indege ku kibuga c’indege c’i Kanombe aho barikumwe na mugenzi we umukuru w’igihugu c’u Rwanda Juvenal Habyarimana .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669