BurundiEnvironnementhomepagekirundi

Inyubakwa zegereye ikiyaga Tanganyika zirageramiwe

Inyubakwa zose ziri ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika zirabangamiwe n’amazi y’ico kiyaga ariko araduga ku muvuduko udasanzwe.

Mu bice bimwe bimwe vyegereye ahitwa Kibenga Rural na Kinindo mu gisagara ca Bujumbura amazi aramaze kurenga imetero amajana atanu aduga.

Umuhinga mu bijanye n’ugutunganya ibisagara hamwe no gukingira ibidukikije Bernard Sindayigaya avuga ko iduga ry’amazi ya Tanganyika atari rishasha ngo kuko ryaheruka kubaho mu 1964.

Bernard Sindayigaya asaba abajejwe gutunganya ibisagara gusubiramwo amategeko agenga kwubaka hafi y’ikiyaga Tanganyika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764