Burundihomepagekirundi

Ishinguranwa iteka ry’umuhisi Perezida Petero Nkurunziza ritegekanijwe ku musi wa gatanu

Ishinguranwa iteka rya Nyakwigendera uwahoze ayoboye igihugu c’Uburundi, Perezida Petero Nkurunziza ritegekanijwe kuzoba kuri uyu wa gatanu uza, igenekerezo rya 26 Ruheshi 2020.

Nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa mbere, ishinguranwa iteka rya Nyakwigendera uwahoze ayoboye igihugu c’Uburundi, Perezida Petero Nkurunziza ritegekanijwe kuzoba kuri uyu wa gatanu uza, igenekerezo rya 26 Ruheshi 2020.

Muri iryo tangazo, Nyakwigendera Perezida Nkurunziza ategekanywa kuzoshingurwa i Gitega ku murwa mukuru wa poritike inyuma y’ibirori vyo kumusezera irya nyuma bizobera kuri stade ingoma igihe c’isaha zine zo mugatondo.

Kuri uyo musi, umwambaro uzoba wemewe akazoba ari umwambaro wera haba ku bagabo, ndetse no ku bapfasoni.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764