Burundihomepagekirundisecurity

Ishirahamwe ATRABU rirakenguruka ingingo yafashwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Charles Ntirampeba, umunyamabanga w’ishirahamwe ATRABU

Ingingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura yo kurekurira abunguruza abantu n’ibintu bakoresheje amakinga, amapikipiki hamwe na tukutuku kurengana ibiraro vya Ntahangwa yo haruguru hamwe n’iy’epfo irashimwa cane n’abaringoye ishirahamwe ry’abunguruza abantu bakoresheje ivyo vyuma, ATRABU.

Nk’uko bishikirizwa na Charles Ntirampeba asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe ATRABU, iyo ngingo yafashwe ni iyo gutera amashurwe kanatsinda ije hageze.

Ntirampeba aboneraho guhamagarira abakoresha ivyo vyuma gukorana neza n’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano mu kubumbatira amahoro n’umutekano cane cane muri iki kiringo Uburundi buriko buritegurira amatora ategekanijwe kuwa 20 Rusama 2020.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764