BurundiEducationhomepagekirundi

Ishirahamwe Olucome risaba gukurikirana neza amahera yakaswe abigisha na COSESONA

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta OLUCOME ribona ko amafaranga agera hafi k’umuliyalidi w’amafaranga y’amarundi yegeranijwe n’urunani rwa masendika y’abigisha COSESONA akuwe ku mishahara y’abigisha, ashobora ku nyuruzwa.

Ni mugihe hamaze gukurwako ayagera ku miliyoni 490 incuro zibiri zose n’ukuvuga ayagera ku miliyoni 980 y’amarundi nkuko Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME abivuga mu rwandiko rw’impapuro zibiri rugenewe ibinyamakuru . Akavuga ko atawuzi icayo mafaranga yakoreshejwe.

Gabriel Rufyiri arashimira umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH wihuse ugafata mu minwe ikibazo c’urwo runani rw’ama sendika y’abarimu n’abarongoye amasendika y’abigisha baterekwa kuja muri COSESONA, bari bafashwe bakarekurwa. Uwo aramutswa OLUCOME agasaba leta y’uburundi guhagarika ubwo busuma narirya ngo nayamaze gukurwa kuri konte ya COSESONA iri mw’ibanki nkuru y’igihugu atarasigurwa ngo bereke icegeranyo cayo benekuyakatwa.

OLUCOME irasaba kandi igenzurwa ryokwerekana uko amahera yatojwe, uko abitswe n’ico ayamaze gusohoka yakoreshejwe. Iryo shirahamwe rikarangiza risaba ko abagize uruhara muri ico kibazo bose ko bohanwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764