BurundiBusinessDevelopmenthomepagekirundi

Ishirahamwe Regideso ryafashe abandi bantu bamaze igihe barisahura

Ishirahamwe rijejwe gukwiragiza umuyagankuba n’amazi mu benegihugu Regideso ryasubiye kwubura ahandi hantu habiri hakozwe ubunyonyezi bw’amatara n’amazi.

Ribicishije ku rubuga rwaryo rwa Twitter, iryo shirahamwe rimenyesha ko ryubuye muri karitiye ya Kigobe, komine Ntahangwa ni mu gisagara ca Bujumbura, ahakozwe ubunyonyezi bw’umuyagankuba hamwe n’ukumara igihe kitari gito batariha fagitire y’amazi.

Kw’ibarabara Kibande inomero 24 muri iyo karitiye ya Kigobe, basanze hari umuryango w’abakongomani wivye umuyagankuba mu kudacana intsinga muri konteri (blanchement direct) hamwe n’ukumara igihe kitari gito batariha fagitire y’amazi (baheruka kuriha amazi mu kwezi kwa Myandagaro 2020). Uwo muryango ukaba urihishwa amafaranga y’amarundi angana n’umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana indwi na mirongo itatu na bitatu (1 733 000Fbu).

Muri iyo karitiye nyene kw’ibarabara Kimina inomero 8 naho nyene habaye ubusuma nk’ubwo nyene, bakaba barihishwa umuriyoni umwe n’ibihumbi icumi na bitandatu vy’amarundi (1 016 000Fbu).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768