DevelopmentEconomyhomepagekirundi

Ishirahamwe ry’abayapani JICA rigiye gusubira gukorera mu Burundi

Inyuma y’imyaka ine ishirahmwe mpuzamakungu ryogufashanya ry’ubuyapani JICA rihagaritse gukorera mu Burundi, ryongeye kwugurura ibiro vyaryo ku mugaragaro kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 9 Myandagaro umwaka w’2019. Iryo shirahamwe ryari ryahagaritse ibikorwa vyaryo mu mwaka w’2015, ngo bivuye ku bihe bitoroshe igihugu c’Uburundi cariko kiracamwo.

Muvyo JICA igiye kwihutira gukora n’ukubandanya imigambi yari yarahagaze, aha umugambi ugiye kuja imbere akaba ari isanurwa n’isubirwamwo ry’ikivuko ca Bujumbura, amasezerano y’ivyo bikorwa akazoterwako umukono muri uku kwezi kwa Myandagaro nayo ibikorwa nyezina bitangure mu kwezi kwa Gitugutu uyu mwaka nyene. Ikindi iryo shirahamwe ngo rigiye kwihutira ni uguteza imbere uburimyi bw’igiterwa c’umuceri mu kiyaya c’imbo. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Shin Maruo aserukira ishirahamwe JICA.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu Isidore Ntirampeba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi inezerejwe cane n’uko iryo shirahamwe JICA rigarutse gukorera mu gihugu cacu, amenyesha ko igaruka ry’iryo shirahamwe gukorera mu Burundi ko ari ikimenyetso cerekana ko amahoro n’umutekano vyagarutse hano mu gihugu. Agahamagarira n’abandi bagwizatunga b’abayapani hamwe n’abandi bose kuzana imitahe yabo, Reta nayo ngo ntaco itazokora kugira ibandanye ibungabunga amahoro n’umutekano

Twobibutsa ko ibiro vy’ishirahamwe JICA biri mu Burundi kuva mu mwaka w’1981. Muri kino gihe bigiye gukoresha abakozi bane b’abarundi hamwe n’abahinga babiri b’abayapani.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761