Economyhomepagekirundi

Ivyahinduwe mw’itegeko rigenga ikoreshwa ry’amafaranga mvamahanga

Umuyobozi w’ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi Jean CIZA amenyesha ko amashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga mvamahanga mu Burundi ko ategerezwa gutanga ku wuguze canke uwugurishije ayo mafaranga urupapuro ruciye mu mashini rwerekana neza ibijanye n’ubwo buguzi.

Mu kiganiro uwo muyobozi yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 17 Nyakanga 2019 ariko ashikiriza ivyasubiwemwo mw’itegeko rigenga ikoreshwa ry’amafaranga mvamahanga mu Burundi, Jean CIZA yavuze ko urupapuro ruciye mu mashini rwerekana neza ibijanye n’ivunjwa ry’amafaranga mvamahanga ku mashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga mvamahanga ruzoshobora gusabwa umwanya uwo ariwo wose n’abajejwe igenzura.

Jean CIZA avuga ko kubijanye n’imitahe yinjira n’iyisohoka mu Burundi hamwe n’ikoreshwa ry’amakonte y’amafaranga y’agaciro ko amabanki akorera mu Burundi abwirizwa gusaba uburenganzira mw’ibanki nkuru y’igihugu imbere yo gutanga canke gusaba ingurane hanze y’igihugu kandi ko amashirahamwe akorera mu Burundi aronka imfashanyo mu mafaranga mvamahanga ategerezwa kwuguruza amakonte y’amafaranga mvamahanga mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Kubijanye n’irihwa ry’ibidandazwa n’ibindi vyankenerwa mvamahanga ,iryo tegeko rishasha rivuga ko urugero rwo kuriha ibidandazwa n’ibindi vyankenerwa hakoreshejwe amafaranga mvamahanga yitwajwe mu minwe rwavuye ku bihumbi mirongo ine vy’amadorari y’abanyamerika (40,000USD) ruja ku bihumbi bitanu vy’amadorari y’abanyamerika (5,000USD) ariko umuntu arekuriwe kwitwaza amafaranga ibihumbi icumi vy’amadorari (10,000USD) mw’ikarata ikoreshwa mu kuriha itangwa n’amabanki,mu gihe urugero rw’amafaranga umuntu arekuriwe kuvunja mu mabanki atarinze gusigura ico ayakoresha rwavuye ku bihumbi 3 vy’amadorari ruja ku ma majana atanu y’amadorari ku musi kandi atazorenga ibihumbi bitatu ku kwezi.

Uwo mukuru w’ibanki nkuru y’igihugu asigura ko zimwe mu mvo zatumye iryo tegeko risubirwamo ari iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko hamwe no gutosora utunenge twagiye turibonekeza mw’itegeko ryahahora bivanye n’ibihe igihugu cagiye kiracamwo.

Jean CIZA aheraheza agabisha ko ata muntu, inzu y’ubudandaji canke ishirahamwe rirekuriwe kuvunja amafaranga mvamahanga kiretse ayabifitiye uburenganzira yahawe n’ibanki nkuru y’igihugu, nayo uwuzofatwa ariko arakora urwo rudandazwa atabirekuriwe n’amategeko azokwakwa amafaranga yose afise yongere akurikiranwe n’ubutungane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758