BurundiDon BrigtherhomepageJusticekirundi

Ivyaranguwe na Sentare ifadikanije na Parike nkuru irwanya ibiturire

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 18 Rusama 2019, Sentare hamwe na Parike Nkuru irwanya ibiturire vyari vyaramutse bishikiriza ibikorwa vyaranguye mu gica ca mbere c’uwu mwaka turimwo w’2019.

Umupfasoni Alphonsine Ndizeye asanzwe ari umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Sentare irwanya ibiturire, yamenyesheje ko ivyaranguwe muri iki gice ca mbere c’umwaka ari ibi bikurikira :

  1. Sentare irwanya ibiturire yakiriye imanza 43, izaciwe ni 37. Muri izo zaciwe, rumwe n’urwo abafatanwe itonga. Hambavu y’ivyo, iyo Sentare yarafashe ingingo 18 ku bijanye n’ipfungwa ry’agateganyo yongera ishira mu ngiro imanza 28 ku bijanye n’indishi no gusubiza ibiba vyanyurujwe. Harasubijwe kandi mu kigega ca Leta amafaranga angana n’imiliyoni amajana abiri na mirongo itatu na zitandatu n’ibihumbi amajana atanu na mirongo icenda na bine n’amafaranga amajana abiri n’umunani (236.594.208Fbu);
  2. Muri Parike Nkuru ikukirira Sentare irwanya ibiturire huguruwe idosiye zitohozwa z’ivyaha 107.76 zaratohojwe zirahera n’imanza 5 zashizwe mu ngiro ku bijanye n’uguhana. Harasubijwe kandi mu kigega ca Leta amafaranga angana n’imiliyoni amajana atanu na mirongo itanu n’icenda ibihumbi amajana ane na mirongo indwi na bitandatu n’amafaranga amajana ane na mirongo icenda (559.476.490 Fbu).
  3. Yose hamwe akaba angana n’amafaranga imiliyoni amajana indwi na mirongo icenda na zitandatu n’ibihumbi mirongo irindwi n’amafarana amajana atandatu na mirongo icenda n’umunani (796.070.698 Fbu).

Ivyo nivyo Sentare hamwe na Parike Nkuru birwanya ibiturire vyaranguye muri kino gice ca mbere c’umwaka w’2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764