homepagekirundipromotedTabac

Ivyizwe mu nama nshikiranganji yo kuri uno wa gatatu

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 3 Ndamukiza umwaka w’2019, umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yaramutse akoranya inama nshikiranganji kugira ngo bigire hamwe integuro z’amategeko hamwe n’amategeko nshikiranganji agera kuri atanu hamwe n’utuntu n’utundi.

Izo nteguro akaba ari izi zikurikira :

  1. Integuro y’itegeko rijanye n’amafaranga Reta itegekanya kuzokoresha muri uyu mwaka w’2019 ushira umwaka w’2020 ;
  2. Integuro y’itegeko riraba ibijanye n’igisata c’iperereza, abakigize, akazi kijejwe hamwe n’ingene kikarangura ;
  3. Integuro y’itegeko rihindura itegeko inomero 1/05 ryo kuwa 2 Ntwarante 2006 rijanye n’amategeko agenga abakozi bo mu gisata c’iperereza ;
  4. Integuro y’itegeko nshikiranganji rigenga isuzumwa-buhinga ry’ingendeshwa hamwe n’ugutanga impusha zo kuzigendesha ;
  5. Integuro y’itegeko nshikiranganji riraba iringanizwa ry’ibisata bigenzura ingene imodoka zinjira mu Burundi zitagira imparati ;
  6. Utuntu n’utundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755