homepageDonard Trumpkirundipolitics

Ivyizwe mu nama nshikiranganji yo kuri uno wa gatatu

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi umwaka w’2019, umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yari yaramutse akoranya inama nshikiranganji I Gitega ku murwa mukuru wa poritike.

Muri iyo nama hakaba hizwe integuro z’amabwirizwa n’amategeko zigera ku munani hamwe n’utuntu n’utundi. Muri izo nteguro hakaba harimwo integuro ijanye no kwubaka ikigo co kwakira amanama mpuzamakungu mu gisagara ca Bujumbura.

Harimwo kandi integuro y’ibwiriza rijanye no gushiraho igitabo ngenderwako n’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza ,iyijanye n’integuro isubiramwo ibwirizwa rijanye na sentare ntahinyuzwa hamwe n’integuro ijanye no gushiraho uko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yotunganywa.

Izindi nteguro zari kuri urwo rutonde ni integuro ishiraho uko ubugenduzi bukuru bw’akazi hamwe no gutegekaniriza kazoza abakozi uko vyotunganywa, integuro y’itegeko risubiramwo ibijanye no gushinga igitigiri c’amafaranga yotangwa mu bijanye no gushingura umukozi abifitiye uburenganzira hamwe n’integuro ijanye no gushiraho ingomero zibiri ku ruzi Kirasa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755