BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Ivyo umugwi CNIDH ubuza abanyeporitike kuzokora mu gihe c’imyiyamamazo

Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH usaba abanyeporitike kudakoresha abana mu bihe vy’imyiyamamazo.

Mu nama yari yahuje abagize uwo mugwi hamwe n’abarongoye imigambwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2020, Jacques Nshimirimana wo muri CNIDH yamenyrsheje ko hamwe hogira umugambwe ubirengako uwo mugwi ngo witeguriye kuzoheza ukitura inzego ziwukurira mu ntumbero yo gukingira agateka k’umwana.

Ivyo akaba yabishikirije mu gihe kuri uyu wa mbere uza igenekerezo rya 27 Ndamukiza ariho hategekanijwe kuzotangura imyiyamamazo ku b’abazokwitoza ku rwego rw’umukuru w’igihugu, urw’abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’abajenama b’amakomine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764