homepageDonard Trumpkirundipoliticssociete

Iyi niyo mvo nyamukuru yabazanye mu Burundi

Uwahoze ari Perezida wa Centrafrique Catherine Samba Panza ari kumwe n’uwahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa w’umuryango ICGLR umupfasoni Liberate Mulamura bari mu Burundi kuva mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi umwaka w’2019.

Nk’uko vyashikirijwe na Nyakwubahwa Catherine Samba Panza yahoze arongoye igihugu ca Centrafrique, urugendo bagize mu Burundi abo bapfasoni uko ari babiri ngo rujanye no kugenzura ibikorwa bari basize bakoze mu mwaka uheze kugira barabe aho bigerereye gushika ubu.

Mu vyo bari basize bakoze mu mwaka uheze hakaba ngo harimwo impanuro zijanye n’ingene abapfasoni boshobora gushirwa cane mu bisata vya poritike hamwe no mu bindi bisata bijanye n’ukubungabunga amahoro n’umutekano.

Nyakwubahwa Catherine Samba Panza yagize ati : «Tuje kubonana n’abategetsi bo mu Burundi, abapfasoni, abarongoye amashirahamwe mpuzamakungu atandukanye asanzwe afashanya na Reta y’Uburundi, abaserukira Nations Unies hamwe n’ubumwe bwa Afrika kugira ngo turabire hamwe icokorwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo ya 1325 (Résolution 1325)».

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756