Burundihomepagekirundipoliticssociete

Karusi: Mu minsi itatu CVR yatoye abantu 1350 bahambwe mu binogo rusangi

Umurwi ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira mu Burundi, CVR, uvuga ko mu minsi itatu umaze kuzura ibisigarira vy’abantu 1350 bahambwe mu binono indwi mu 1972 ku mutumba wa Bukirasazi ya komine Shombo.

Kuva ku munsi wa mbere w’iyi ndwi, abagize umurwi CVR bariko begeranya ibisigarira vy’abantu batawe mu binogo rusangi kuri uwo mutumba w’intara ya Karusi, mu bwicanyi bwo mu 1972.

Pierre-Claver Ndayicariye arongoye uyo murwi avuga ko kuri uwo mutumba wonyene bashobora kuhazura ibisigarira vy’abantu barenga 7000.
Mu cegeranyo uyo murwi uherutse gushikiriza inama nkenguzamateka na nshingamateka, Ndayicariye yamenyesheje ko wari umaze guharura ibinogo rusangi 4,163 mu gihugu cose vyahambwemwo abantu bishwe mu magume atandukanye mu Burundi.

Kuva Uburundi bwikukira mu 1962, bwaranzwemwo ubwicanyi bwa politike ishingiye ku moko, cane cane hagati y’Abahutu n’Abatutsi, aho ubuzwi cane ko bwahekuye igihugu gusumba ari ubwo mu 1972, bwahitanye Abahutu batagira igiharuro.

Ndayicariye avuga ko ibitigiri bafise bizorenga kure n’iyo kuko ku munsi ku munsi baronka ivyabona, ko abacitse kw’icumu baguma babereka ahari ibindi binogo vyahambwemwo abishwe mu 1972.
Gushika ubu ngo bamaze gukorera ku binogo indwi bafuruye muri ako gace nyene, ariko ko hari n’ibindi 18 beretswe bategerezwa gukorerako ariko batarafurura, bivugwa ko harimwo n’ivyahambwemwo abihebeye Imana.

Ejo haheze ku wa gatatu igenekerezo rya 29 Nzero 2020, umukuru w’Inama Nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo, yarashitse ku mutumba wa Bukirasazi uri ku ruzi Ruvubu aho CVR iriko irakorera

Nayo ku bivugwa ko hoba hari abatishimiye ibi bikorwa vy’umurwi CVR, Ndayicariye avuga ko abarundi bari mu mice myinshi, bivanye n’uko vyabakozeko canke abandi nabo bakabigiramwo uruhara.

Ibinogo rusangi biri mu gihugu cose Ndayicariye avuga ko mu makomine yose agize Uburundi harimwo ibinogo vyahambwemwo abagandaguwe mu bwicanyi butandukanye bwagiye buba mu Burundi.
Ati: “Icegeranyo kw’ikomine imwe imwe kiriho cerekeye ibinogo bimaze kumenyekana kandi twiteze ko kizoduga kubera abarundi bamwe bataratanga inkuru bazi, bagitinya kuvuga”.
Avuga ko ivyo bagenda bakora bakavyereka abarundi, baba abari mu gihugu canke abari mu makungu, bituma buguruka, bagatinyuka, maze bakemera bakabaha amakuru y’ahoba hari ibinogo rusangi nk’ivyo.

Umukuru w’umurwi CVR asaba abarundi bo mu mice yose gutahura ko amabi yabaye mu myaka iheze yahekuye Uburundi, bugatakaza inguvu zari kubuteza imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765