BurundiBDUSADevelopmentEconomyFabelovehomepagekirundi

“Kazoza Plus”, uburyo bushasha bwo gufasha abanywanyi kwiteza imbere

Ishirahamwe ryo kuguranana no kuziganya “Kazoza Finance” ryatanguje kuri uno wa kane igenekerezo rya 2 Rusama umwaka w’2019 uburyo bushasha bwo gufasha abanywanyi baryo gutorera umuti ibibazo bafise na cane cane mu kubafasha guteza imbere imigambi yabo ico bise “Kazoza Plus”.

Umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Kazoza Finance, Aimé SINANIRANYE avuga ko kubona batanguje ubwo buryo bushasha “Kazoza Plus” bashaka ko ivyo bize n’ivyo babonye mu myaka 7 bamaze bakora bobiha abandi mu kubaronsa inyigisho kugira imigambi yabo itunganywe.

Aime SINANIRANYE avuga ati :“ Vyose twabishize muri Kazoza Plus kugira umuntu wese afise iciyumviro co kwiteza imbere azoherekezwe kugira arangure umugambi wiwe.”

Kubijanye no gushigikira igisata c’uburimyi Aimé SINANIRANYE avuga ko buri mwaka ico gisata bagitegekanirije amafaranaga angana n’imiriyoni 500 z’amafaranga y’amarundi kandi ari intambwe ishimishije muri ico gisata ugereranije n’imyaka bamaze ishirahamwe ryabo ritanguye.

Kubijanye n’inyungu isabwa kuwasavye ingurane, uwo arongoye iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana avuga ko Kazoza Finance iri mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana basaba inyungu nke ugereranije n’ayandi mashirahamwe kuko bon go  batanga ibice 8 kw’ijana kuwuyazanye nayo uwuyasavye akarihishwa ibice 14 kw’ijana , ariko igikuru ngo nuko bakurikiza amategeko y’igihugu uko asabwa ata na kimwe bakuyemwo.

Ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Kazoza Finance rikaba ryatanguye mu mwaka w’2012 rifise abanywanyi bashika ibihumbi 2 n’umutahe ungana imiriyoni 200 ariko gushika ubu mu mwaka w’2019 bakaba ngo bageze ku banywanyi ibihumbi 23 hamwe n’umutahe w’imiriyoni 500.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769