BurundihomepagekirundiPacifique NdabihawenimanaSécurité alimentaire

Kirundo : Imiryango itari mike iguma ita izabo kubera kigoyi

Haraciye igihe hasubiye kwibonekeza inzara izura inzara mu makomine amwamwe agize intara ya Kirundo yaturutse ku ruzuba, imiryango itari mike ikaba iguma ita izabo, bamwe muri iyo miryango bakaba bahungira mu gihugu kibanyi c’Urwanda

Nk’uko bishikirizwa n’abarongoye intwaro mu ntara ya Kirundo, imiryango mirongo itatu n’umwe igizwe n’abantu ijana na cumi niyo imaze guta izabo kubera inzara yatewe n’uruzuba rumena imbwa agahanga, ikomine yasinzikaye cane akaba ari komine Busoni mu mazone n’imitumba yose iyigize.

Buramatari w’intara ya Kirundo atera akamo abanyagihugu kwegeranya ibifungurwa kugira bagarukire vuba abasinzikaye gusumba abandi.

Nayo mu bushikiranganji bw’agateka ka zinamuntu no gufatana mu nda buramutswa umushikiranganji Martin Nivyabandi basaba abenegihugu kuba barafasha iyo miryango biciye muri wa mugambi w’igihugu wo gufashanya mu kibano mu kurindira ko Reta igira ico ikoze.

Umushikiranganji Nivyabandi ahamagarira kandi abajejwe intwaro guhimiriza abo barongoye kwifashisha imirima y’ibiterwa vyimbuka n’ingoga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764