BurundihomepagekirundimuyobokePolitique

Kuva mu ntango z’umwaka w’2019, inama y’abashikiranganji izohora ikoranira i Gitega

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 21 Kigarama umwaka w’2018, inama nshikiranganji yari yaramutse ikoranira ku murwa mukuru w’intara ya Gitega aho muvyari kwirwa uwu musi harimwo integuro y’itegeko rijanye n’ishirwaho ry’umurwa mukuru wa Poritike ku murwa mukuru w’iyo ntara ya Gitega, ryahavuye ritowa.

Nk’uko yabishikirije abicishije ku ruba ngurukanabumenyi rwiwe Twitter, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Yohani Karerwa Ndenzako yamenyesheje ko umurwa mukuru wa Poritike ugiye kuja i Gitega nayo uw’ubutunzi ugume mu gisagara ca Bujumbura.

Guhera rero mu ntango z’umwaka buca dutangura w’2019, inama y’abashikiranganji izohora ikoranira i Gitega, ubushikiranganji butanu nabwo bwa Reta y’Uburundi bugiye kwimurirwa aho nyene i Gitega

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764