homepagekirundisociete

Makamba ibandanya yakira abarundi bariko barahūngûka bava Tanzaniya

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 18 Mukakaro umwaka w’2019, abarundi bagera ku majana atatu na mirongo umunani n’umwe niho bahunguka bavuye mu makambi y’impunzi ya Nyarugusu, Nduta na Mtendeli yo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Nk’uko tubikesha abajejwe umutekano, abo bantu bagizwe n’imiryango ijana na mirongo ibiri ngo harimwo abagabo 174 hamwe n’abapfasoni 207 bakaba ngo bashikiye i Mugina muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba igihe c’isaha zitatu zo mu gitondo.

Muri abo bahungutse, abagera ku majana abiri na mirongo itanu n’umunani bakaba ngo bakomoka mu ntara ya Makamba, ijana na cumi n’umwe bagakomoka mu ntara ya Rutana nayo icumi na babiri bakamuka mu ntara ya Rumonge.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756