BurundihomepageTourisme

Burundi: Mu kwezi kw’10 imamfu zahungishirijwe muri Kenya zirashobora gutahukanwa

Umuyobozi mukuru ajejwe ivy’ingenzi Jacques Bigirimana yamenyesheje kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 nyakanga, ko kubona imamfu 20 zahungishirijwe muri Kenya kuva mu myaka ya 1995 ari agahombo ku butunzi bw’igihugu.

Uyo muyobozi mukuru yemeza ko ibiganiro hagati y’Uburundi n’imamfu ca Kenya kurizo mamfu (Chimpanzé ) vyatevye ariko ubu vyaheze.

Intumwa za Reta zizoja kuraba izo Mamfu zishobora kuzoba zashitse muri Kenya gushika kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kuza kwa Gitugutu 2023.

Mu mwaka w’2020, umushikiranganji yari ajejwe amahinguriro n’ingenzi yari yabwiye abamenyeshamakuru ko Reta ifise ugushaka kwo kugarukana izo mamfu, ariko ko yari igifise ingorane y’ingene uwo mugambi woshitswa bivanye n’intambwe ubwirizwa gucako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 703