homepagesecurity

Kayanza :Hatowe ikiziga

Hari umugabo w’imyaka irenga 40 yatowe ikiziga mw’ijoro ryo kuwa 21 rishira 22 Ku mutumba Musave mu gisagara ca Kayanza,mu gipolisi bakavuga ko atavyemezo biboneka ko yona yapfuye agandaguwe.

Ikiziga c’uwo mugabo catowe nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro mu gacimbiri Gisoro , ku musozi Musave wo mu gisagara ca Kayanza aho benshi bita Muryabami .

Inkuru zitangwa na komiseri Pascal Niyonzima arongoye igipolisi mu ntara ya Kayanza , zimenyesha ko ikiziga c’uwo muntu catowe mu rugo rw’aho yahora aba imbere yuko yimukira nko ku metero ijana aho yataha gusanga se wiwe kubera ashaje, kandi yarasigaye ari inyakamwe.

Uwo arongoye igipolisi avugako atawokwemeza yuko yoba yarishwe n’ubwo haboneka akantu gato kw’ijisho k’aho yakomeretse .

Uwo arongoye igipolisi akamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira intandaro z’urupfu rw’uwo muntu zishobore kumenyekana.

Uwo yatowe ikiziga akaba yarakiri umusore asanzwe anacuraranga bamwe bakunze kwitwa abarasta .

Komiseri Pascal Niyonzima akamenyesha ariko ko umutekano mu ntara ajejwe umaze igihe wifashe neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671