BurundiEconomyhomepagekirundi

Mw’ishirahamwe Regideso bahamagarirwa kwikubita agashi

Ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba mu banyagihugu Regideso ryahawe na Reta gucuruza amazi kuva mu mwaka w’1962, ariko ngo gushika ubu, nta mwimbu uboneka muri Reta.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni mu nama yagirishije abarongoye abandi muri Regideso kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Gitugutu 2020.

Zimwe mu ntambamyi zituma uwo mwimbu utameze neza nk’uko vyasiguwe n’Umushikiranganji ajejwe amatara n’amazi ngo n’uko mu biharuro bamaze gukora basanze ibice 30 kw’ijana vy’amazi asesekera ubusa nayo ibice 18 kw’ijana vy’umuyagankuba biba impfagusa.

Umushikiranganji Ibrahim avuga ko ivyo biri no mu bituma iryo shirahamwe ritoroherwa mu gutunganya ubuzi bwaryo.

Nayo ku bibazo vyama vyibonekeza muri iryo shirahamwe, umushikiranganji wa mbere yagabishije abakozi bitwara nabi mu vyo bajejwe. Alain Guillaume Bunyoni yabahamagariye gukorera neza ababitura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766