BurundiFinanceshomepagekirundi

Ngo hakwiye gushirwaho uburyo buzofasha ubushikiranganji buzoduzwa gukorera i Gitega

 

Abakenguzamateka basaba ko mu mafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2020 ushira uw’2021 hoshirwamwo amahera azohabwa ubushikiranganji buzoduzwa gukorera ku murwa mukuru wa poritike i Gitega hamwe n’abakozi basanzwe bakorera muri ubwo bushikiranganji.

Ivyo babisavye kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2020 igihe umukuru wa sentare iraba amatungo ya Reta yariko arasigurira abakenguzamateka tumwe tumwe mu tunenge iyo sentare yabonye muri iyo nteguro y’ibwirizwa rigena amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2020 ushira uw’2021.

Abo bakenguzamateka bakaba batanze insiguro y’ayo mafaranga yoshirwa mu gitigiri c’ayo Reta izokoresha ko ari kubera ukwimuka bitigera vyoroha. Ivyo biri uko mu gihe ayo mafaranga atategekanijwe mu nteguro y’ibwirizwa rigena amafaranga Reta izokoresha muri ico kiringo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764