AgricultureBurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Ngo hari icahindutse kuva aho Reta ifatiye mu minwe igisata c’ikawa

 

Kuva igisata c’ikawa kivuye mu minwe y’abikorera utwabo kikaja mu minwe ya Reta  abarimyi b’ikawa bavuga ko bahagiriye akunguko kadasanzwe kuko baza baramaze guhembwa amafaranga y’igice ca mbere c’umwimbu wabo mu gihe ico gisata kikiri mu minwe y’abikorera utwabo, abarimyi b’ikawa bahembwa batevye, ahandi bagaheranirwa.

Reta imaze gufata mu minwe ico gisata c’ikawa ngo n’amakomine yarahatoreye akoyoko kuko amatagisi ava mw’ikawa ngo yaciye yoyongera kuko itagica mu kinywabi.

Mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bavuga ko bashimishwa n’uko isizeni iriko iragenda. Umushikiranganji aburamutswa Déo Guide Rurema avuga ko n’ihemba rya kabiri ririko rirategurwa, vuba abarimyi b’ikawa ngo bazobukura mu cibo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769