AgricultureBurundihomepagekirundi

Ngozi-Kayanza : Abarimyi b’ikawa baridogera abajejwe amatonorero

 

Abarimyi b’ikawa bo mu ntara za Ngozi na Kayanza baridoga ko inyuma y’isaha icumi na zibiri z’umugoroba (18h00) badasubira kubakirira ikawa bagaca baja kuzisyera imuhira iwabo, ivyo ngo bigatuma iyo kawa ita akanovera.

Mu rugendo umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Deo Guide Rurema arimwo muri izo ntara, yasavye abajejwe amatonorero y’ikawa kwakira umwimbu w’abarimyi baba bashoye kuri ayo matonorero n’inyuma y’isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba.

Deo guide Rurema avuga kandi ko amatonorero asanzwe ari mu bibanza birimwo umuyagankuba ko bategerezwa kugura amatara abonesha kure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765