BurundiHealthhomepagekirundi

“Ntabantu bashasha barasubira kubonwako umugera wa Corona”

 

“Nta bantu bashasha bamaze gufatwa n’ikiza c’umugera wa corona mu Burundi”.

Ivyo ni ivyemejwe n’umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida Thaddée Ndikumana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2020.

Thaddée  Ndikumana atanga akarorero k’abantu 34 babonanye n’abantu batatu bamaze kwibonekeza ko barwaye iyo ndwara.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko abantu bababa 700 bagisigaye ukwa bonyene mu bibanza bitandukanye ku bababa ibihumbi bitatu bari bakiriwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764