homepagekirundisociete

Papa Francis aranegura ibihugu bigurisha ibirwanisho yamara bikanka gutanga ubuhungiro

Papa Francis wa mbere aranegura ibihugu bigurisha ibigwanisho kw’isi ariko bikanka kwakira impunzi zihungiye mu bihugu vyabo mu gihe bimwe mu bituma izo mpunzi zihunga ari intambara zivyo bigwanisho biba vyagurishije.

Ivyo akaba yabishikirije mu nyigisho zagenewe umunsi mukuru wahariwe impunzi hamwe n’abimukira ari ku kibuga citiriwe umweranda Petero ari imbere y’abantu bashika ibihumbi mirongo ine.

Papa Francis yavuze ati : “Intambara zigira ingaruka mu bice bitandukanye vy’isi, ariko ibigwanisho vy’intambara birakorwa bikongera bikagurishwa n’ibihugu bidashaka kwakira impunzi zivuye kuri ivyo bigwanisho vyakozwe vyongera biragurishwa”.

Muri iyo misa Papa Francis yasomye yasavye abemera kristu kwakira abakeneye ubuhungiro hamwe n’abatawe mu mabarabara mu kubafasha kurondera aho bakika umusaya hamwe no kubafasha kubaronderera ivyo ikiremwa muntu gikenera.

Ayo makuru avuga ko iyi misa yitabwe n’abimukira hamwe n’amashirahamwe asanzwe afasha impunzi n’abimukira ikaba yaranzwemwo n’indirimbo z’abanyafrika, zo mu gihugu ca Espagne, Portugal hamwe n’izindi zijanye n’ukwemera kwa Ekereziya Katorika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756